Mbe turatahura imvugo y'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye?
Kuva muri 2020, Uburundi buramutswa umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye. Ubu imyaka igire ikwire itanu ari ku butegetsi ariko imvugo yiwe sinzi ko abarundi n'abanyamahanga tuyitahura. Reka turabire hamwe iyo mvugo dufatiye ku bintu bikuru bituma Uburundi bushobora kurwa mw’isanganya.
Inyifato y'imbonerakure
Mu myaka iheze imbere yuko ashikira ubutegetsi, Evariste Ndayishimiye yari umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yarigeze kuvuga ko mu mbonerakure harimwo abakatokika benshi ngo ntiyumva igituma batavuga imbonerakure za katolika. Iyi mvugo sinzi ko muyumva neza. Imbonerakure zirahabwa inyigisho za gisirikare, inyigisho zo kwica, gutoteza abo batavuga rumwe. Katolika nayo itanga inyigisho zikomeza urukundo n'ubumwe hagati yabarundi. Murabona ko inyigisho za CNDD-FDD niza Katolika harimwo ubudasa. Ntimubona ko umukuru w’igihugu aba ashaka kweza izo mbonerakure mu kubifatanya na katolika?
Umugambwe MSD na PPD-Girijambo baheruka gusohotse itangazo kuri uyu wa 3 Ndamukiza 2025, bibutsa abarundi n’amakungu ko izo nyigisho mbi za CNDD-FDD kandi zifatiye ku macakubiri ziguma zihabwa imbonerakure. Barundi, barundikazi na cane cane mbonerakure mwibuke ko ivyabaye 1972, 1993, 2015 vyaduhekuye bimwe bidasanzwe. Izo nyigisho turakwiye kuva hasi twese turi hamwe tukaziyamiriza. Ntidushaka gusubiza Uburundi muri ubwo bwicanyi. Ubutumwa kuri Evariste Ndayishimiye nuko atobandanya asamaza abarundi mu mvugo zo gufatanya imbonerakure na Eglise Katolika ahubwo akwiye guhagarika izo nyigisho kuko ikizoba cose ariwe azobibazwa.
Urudadanza rw’amabuye y’agaciro
Mu kiganiro yatanze kuri BBC italiki 29 Ntwarante 2025, Evariste Ndayishimiye yarasubiriye kuvuga ko Uburundi bufise amabuye y’agaciro menshi ko ahubwo aguma acungana n’abamwiba. Barundi barundikazi iyo mvugo yuko hariho abantu biba igihugu itugeze ahantu. Kuva afata ubutegetsi nivyo yama avuga ariko nta numwe turumva yafashwe yagirizwa ubunyonyezi bw'amatungo y'igihugu.
None atwamize muriryo tiro kandi igihugu kibuze igitoro, kibuze imiti, kibuze ifumbire eka n'ibindi vyinshi vyangombwa mu buzima bw igihugu natwe tubifate ibisanzwe? Kuva mu mwaka wa 2022, Ibanque nkuru y'igihugu nta biharuro iduha vyerekana ibiva mu rudadanza rw'amabuye ya gaciro. Mwibuke neza ko ibanki nkuru y’igihugu iri mu bisata bitwarirwa ku kirimba kwa Evariste Ndayishimiye. None abo bamwiba ni bande? Ko ibanki nkuru iterekana akamaro kurwo rudadanza? Vyerekana neza ko hariho igipfungu cane muri urwo rudadanza. No ngaha nyene bibazwa umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.
Ubutumwa k’umukuru w’igihugu, ni uko uno munsi nimba tubuze igitoro n’ibindi, ni uko amahera yokubigura yovuye amwe muri urwo rudadanza rw’amabuye y’agaciro. Ubutumwa rero ni uko tuzi neza aho bipfira. Iyo mvugo yukwama avuga ko hariho abamwiba badafatwa ni uruhendo bahenda abana. Harakenewe umuco muri urwo rudandanza kandi aho bigeze amazi yararenze inkombe. Ubutunzi bw’igihugu bugeze ahantu habi cane kuburyo inzara ihari iriko iramara abarundi. Uno munsi nibo mugabo ejo n’umukuru w’igihugu azoshikirwa bibandanije uko bimeze uno munsi.
Ibiganiro na RED-tabara
Muri ico kiginiro co kuri BBC co kuwa 29 Ntwarante 2025, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye baramubajije uko abona ikibazo co muri Congo cotorerwa inyishu. Mu nyishu yatanze yavuze ko hakwiye ibiganiro hagati ya leta ya Congo hamwe na M23. Mugabo hageze kuvuga ivya RED-tabara yavuze ko ivyo biganiro atavyerekwa. Yavuze ko ahubwo RED-tabara ikwiye gushikirizwa ubutungane.
No ngaha nyene sinzi ko mutahura ico yashatse kuvuga? Iyo mvugo ya Evariste Ndayishimiye yerekana ko ashaka intambara. Sinzi ko arindiriye ko hafatwa igice c’igihugu kugire aje mu biganiro? Gushika uno munsi intambara zahuje leta ya Gitega na RED-tabara muri Congo ntizoroheye leta ya Gitega. Leta ya Gitega imaze gutakaza abasirikare benshi. Icegeranyo ca ”Initiative pour les droits humains au Burundi” casohotse mu kwezi kw’indwi 2022, kivuga ko hagati ya 2021 na 2022, hapfuye abasirikare barenga 200 ba leta y’uburundi. Turetse ico cegeranyo na RED-tabara ibicishije ku muhora wa X uratanga ayo makuru y’izo ngwano zo muri Congo. Muri 2024 warashikirije kohapfuye n’intwangabo za leta y’uburundi harimwo na Lieutenant-Colonel Simon Nyandwi.
No ngaha nyene hariho ubutumwa kuri Evariste Ndayishimiye. Akaba ashaka intambara azoyironka kandi iyo ntambara yo muri Congo bite bitebuke izokwimukira mu Burundi. Ibiganiro rero na RED-tabara birashobora kubuza Uburundi kuja mu makuba kandi ashobora guhitana abarundi benshi eka n’umukuru w’igihugu nawe nyene birashobora kumukorako.
Nagire rero mpenze nsaba Abarundi n’amakungu, kuza turafata akanya ko kwiga no gutahura imvugo ya Evariste Ndayishimiye. Hanyuma ubu butumwa ni uko twogira ibishoboka vyose kugira ngo mukuru w’igihugu nabo bakorana bazoburonke kugira ngo batahure ko ingingo bafata zishobora gukiza canke gutuma igihugu kija mu bibazo kurusha ivyo turimwo ubu.
Vyanditswe na Gihugu Jr