Amatora yimirije muri uku kwezi kwa gatandatu, ntiyumvikanwako n'imirwi itandukanye y'abarundi. Hari ababona ko adashoboka n'abandi babona ko atacoyabuza kuba. Weho uvyiyumvirako iki?
Inyuma yaho Urunani Burundi bwa bose rutangarije ko rubona ko amatora yimirije adashoboka kuko abashaka kwitoza muri Rusangi batariko barashobora gushikira abanyagihugu ngo babashikirize imigabo n' imigambi biturutse ku kwiyunguruza bigoye mu gihugu kubera ubukene bw' ibitoro, ko rero hakenewe ibiganiro bihuza abarundi mu ntumbero yo kwumvikana ingene hoshirwaho inzego zotowe muri ayo matora yimirije, Radio-Haguruka yashimye kubaza imirwi itandukanye ico yiyumvira kuri ayo matora adahurizwako na bose.
Kuva mu makuru yo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 08 Ndamukiza 2025, mukaba mugiye kumara iminsi mukwirikirana mu ntango zamakuru, ico bamwe n’abandi bazoba bashikirije kuri ico ciyumviro c’Urunani Burundi bwa bose cuko amatora yimirije adashoboka, ko ahubwo hakenewe ibiganiro bihuza abarundi mu ntumbero yo kwumvikana ingene hoshirwaho inzego zotowe.
Na wewe urashobora gushikiriza iciyumviro cawe, ukoresheje ubutumwa bw'amajwi mu Kirundi (Audio) wocisha kurubuga rwa Email: Cette adresse e-mail est protégée contre les robots spammeurs. Vous devez activer le JavaScript pour la visualiser.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.