• Home
  • ACTUALITÉS
  • Mu burundi ntamatora meza ariko arategurwa, hazoba gutembagaza ubutegetsi nkuko vyirirwa biraba no mu bindi bihugu

Mu burundi ntamatora meza ariko arategurwa, hazoba gutembagaza ubutegetsi nkuko vyirirwa biraba no mu bindi bihugu

Agitanguye gushikiriza ivyiyumviro vyiwe, umunye politike Léonce Ngendakumana, atangura kwibaza nimba amatora yotegurwa neza mu gihe reta, umugwi CENI, abanyamigambwe atavyo amatora bariko baravuga. Akabona ko Abanyagagihugu bobo ngo bamaze kuruhishwa nabo batora ngo babaserukire, yamara ngo ntihagire ico babamarira.

Ivyo Léonce Ngendakumana, umunywanyi w'umugambwe Sahwanya-FRODEBU akaba n'inararibonye mu vya politike, abishikirije inyuma yaho umuvugizi w' urunani Burundi bwa Bose amenyeshereje ko amatora mu Burundi adashoboka kuko abashaka kwitoza batariko barashobora gushikira abanyagihugu ngo bababwire imigambi babafitiye hamwe n' igihugu biturutse ku bukene bw'igitoro butuma abantu batiyunguruza uko babishaka, akagirako avuga ko hakenewe ibiganiro bihuza abarundi bose bumvikane uko hojaho inzego zotowe.

Kubwiyo nararibonye mu vya politike abona ko ata matora azobaho, ahubwo ngo CENI izobwirwa gutanga amajwi ku bo ubutegetsi bwa CNDD-FDD bushaka. Ivyo navyo ngo ntaho bizoba bitaniye no gutembagaza ubutegetsi nkuko vyirirwa birumvikana hirya no hino mu bindi bihugu.

Léonce Ngendakumana, ntatahura kandi impamvu abarundi badakura icigwa ku vyabaye muri kahise. Ni mu gihe amatora yimirije avugwa mu Burundi urunani Burundi bwa bose ruherutse kumenyesha ko adashoboka. Iyo nararibonye mu vya politike imenyesha ko ivyashikirijwe n' umuvugizi w' urunani Burundi bwa bose, Keffa Nibizi ari ukuri ngo si ivyiyumviro. Ngendakumana akagirako avuga ibintu bitari bike bitameze neza mu gihugu bituma atawovuga ko amatora nya matora ashoboka mu Burundi. Ivyo navyo n’ubukene, ubwicanyi, akarenganyo hirya no hino, gucagagura imigambwe no kubuza abarundi kuja mu migambwe yabo, n’ibindi bitari bike, birimwo inyigisho za gisirikare zirirwa zirahabwa abanyagihugu bo muri CNDD-FDD, ibituma yiyumvira ko igihugu cimirije kwinjira mu ngwano.

Kubwiwe kandi, abona ko umugwi CENI wigenza nk' umugambwe uri ku butegetsi aho ucamwo imigwi imigambwe n'inani, kukaba nkako ngo ntiworeka gukora gutyo kuko ukorera umugambwe uri ku butegetsi. Ibizova mu matora avugwa rero ku bwa Léonce Ngendakumana, ngo ntibishobora guhumuriza bose mu gihe igice kinini c'abarundi cakumiriwe. Abarundi ngo ntibazohumura kuko Umugambwe uri ku butegetsi uguma utegura abanywanyi bawo mu vya gisirikare. Amatora ntayazobaho kuko CENI izobwirwa guha amajwi abo ubutegetsi bushaka gusa, abo budashaka ntaco bazonoba murayo matora avugwa.

Léonce Ngendakumana, inararibonye mu vya politike agahanura abanyagihugu, bo bene igihugu kwicara bakarimbura uko ibintu bimeze mu gihugu baheze bahindure ibintu, bakoresheje ubwenge bwabo n' inguvu zabo. Abanyagihugu ngo nibave mu marira, imyidogo n'amaganya bashinge ingingo yuko bategerezwa gutwarwa neza, kubana neza no guteza imbere igihugu.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !