• Home
  • ACTUALITÉS
  • Prosper Ntahorwamiye, arongoye umurwi CENI, wewe abandanya kuvugako amatora yimirije, yo mu mwaka wa 2025, ngo azogenda neza kuko abajejwe kuyahagararira bayagize ayabo

Prosper Ntahorwamiye, arongoye umurwi CENI, wewe abandanya kuvugako amatora yimirije, yo mu mwaka wa 2025, ngo azogenda neza kuko abajejwe kuyahagararira bayagize ayabo

Kurivyo nyene vyamatora, naho imirwi itandukanye iriko iratera ivyatsi ayo matora, yongera itera ivyatsi n’umurwi CENI aho abamaze kugira ico bashikiriza bemeza ko abagize uwo murwi bakorera umugambwe CNDD-FDD, umukuru wuwo murwi wewe asa nuko atumva ibiriko birashikirizwa.

Ariko aratanguza ivyo yise inyigisho ziriko zirahabwa abarongoye imigwi ijejwe gutunganya amatora muntara no mu makomine ngo kugira bababwire uko amatora atunganijwe, inyigisho zatanguye kuri uyu wakabiri mu gisagara ca  Bujumbura, Prosper Ntahorwamiye, yavuzeko Amatora yimirije, yo mu mwaka wa 2025, ngo azogenda neza kuko abajejwe kuyahagararira bayagize ayabo.

Nayo ku makenga yafatiweko n’Urunani Burundi bwa bose, ko abashaka kwitoza muri Rusangi batariko barashobora gushikira abanyagihugu ngo babashikirize imigabo n' imigambi yabo, biturutse ku kwiyunguruza bigoye mu gihugu kubera ubukene bw' ibitoro, Ntahorwamiye yamenyesheje ko mu murwi arongoye ngo atangorane zibitoro baragira, ngo kuko ivyo bakeneye vyose leta yama ica ibibaha.

Kurivyo vyose abarundi babandanya bamenyesha ko ayo matora ngo atakintu bayitezeko ngo bayibukira mu maradiyo, ngo bakongera bakayibukira ku kajagari kiterabwoba vyirirwa biraterwa n’imbonerakure bavuga ko uwutazotora CNDD-FDD ngo azokwibonerako. Bamwe muri abo banyagihugu babona ko atakindi gikenewe ngo nkuko biriko birashikirizwa nabamwe n’abandi ngo kiretse kurondera izindi nzira zo kwirukana CNDD-FDD.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

 

Partager cet article !