• Home
  • ACTUALITÉS
  • Hari umunyagihugu yagandaguwe arashwe n’umu polisi w’igihugu aracikana kuri uyu wa 09 Ndamukiza 2025 igihe c'isaha cumi na zibiri zibura iminota 15 z'umugoroba

Hari umunyagihugu yagandaguwe arashwe n’umu polisi w’igihugu aracikana kuri uyu wa 09 Ndamukiza 2025 igihe c'isaha cumi na zibiri zibura iminota 15 z'umugoroba

Naho iperereza hamwe n'igi polisi c'uburundi, bariko barakora ibishoboka vyose kugira ngo ayo makuru ntamenyekane, hari Umupolisi w'igihugu yarashe umunyagihugu aracikana kuri uyu wa 09 Ndamukiza 2025 igihe c'isaha cumi na zibiri zibura iminota 15 z'umugoroba. Vyabereye ku masanganzira Iwabo n'abantu winjira kuw'interekwa ugana ishure rya Msr Sikepereses. Ni muri zone Kamenge, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.

Uwarashwe ni uwugendesha ipikipiki ica amafranga bita motard yarasanzwe akorera aho ku masanganzira bita Rond-point Iwabo n'abantu. Uwo agendesha ipikipiki akaba yariko avoma igitoro muri réservoir imwe y' imodokari yari ihahagaze bita Sikaniya agishira muri Réservoir ya kabiri y' iyo modokari nyene akoresheje ibido y' amalitiro 20. Iyo modokari ikaba ifise imparati T 1142 A.

Amakuru Radio Haguruka ifise nuko umupolisi yarashe uwo munyagihugu yamwegereye amusaba kumuha igiturire, ico basigaye bita gucora, aruwundi amubwira ko adashobora kumuha amafranga kandi nawe atariko araca amafranga, umupolisi afatwa n'ishavu aca arasa mu mutwe uwo munyagihugu. 

Abanyagihugu bashwabadutse bashaka kwihanira, Yamara umupolisi yari kumwe n' uwo yarashe yaciye nawe arasa hejuru abanyagihugu baca bigira inyuma. Imodokari yo mw'iperereza ikaba yahavuye ishika Iwabo n'abantu itwara uwo mupolisi yishe umunyagihugu. Abanyagihugu biboneye ico kiziga bafise amakenga ko uwo mupolisi yishe umuntu atagiye guhanwa, ahubwo yagiye gukingirwa mukunyegezwa. Gushika mu mwanya twategura ino nkuru, ikiziga c' uwo munyagihugu igihe c' isaha cumi na zibiri z' iminota 45 cari kikiri aho kw' ibaraba, iwabo n'abantu.

Abanyagihugu  babona ko intwaro ikomoka mu mugambwe cndd-fdd igeramiye abanyagihugu, kw'ataribo bazobona irabavuyeko. Uworonka umwidodoro wumuhisi yowuturngikira kuri Email : Cette adresse e-mail est protégée contre les robots spammeurs. Vous devez activer le JavaScript pour la visualiser.

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !