• Home
  • ACTUALITÉS
  • Andenderezwa na zimwe mu mbonerakure zo mu Buterere ko akorana na Red-Tabara.

Andenderezwa na zimwe mu mbonerakure zo mu Buterere ko akorana na Red-Tabara.

Umugabo Bizimba Fabrice yarafashwe  ku musi w'Imana uheze igenekerezo rya 06 Ndamukiza 2025 nk'igihe c'isaha imwe z'ijoro aja gupfungwa. Vyabereye muri karitiye Kabusa mu Birwati aho asanzwe aba n'umuryango wiwe urimwo abana batanu.

Amakuru ava mu Buterere amenyesha ko Fabrice yafashwe ariho akigera iwe atashe, afatwa n'imbonerakure zimujana mu gasho k'igipolisi ku Buterere. Uwo mugabo asanzwe avuka ku Mutumba Mirama, zone Muyira, komine  Kanyosha mu ntara ya Bujumbura, aremekwa inkono ishushe n'imbonerakure mukumwagiriza ko akorana na Red-Tabara.

Abanyagihugu bo mu Buterere aho asanzwe aba bavuga ko Fabrice ata kindi ariko arazira uretse kuba umunywanyi w'umugambwe CNL, uruhande ruyoboka umushingamateka Agathon Rwasa. Abanyabuterere bamutabariza bavuga ko bafise amakenga menshi ko Fabrice ashobora kugenda amazima yongo ngo nkuko vyama vyabaye ku bandi banyagihugu batwawe badodoberejwe n'imbonerakure ngo ndetse n'urwego rw'iperereza.

Basaba ko uwo mugabo arekurwa kuko ariko azira ubusa. Bamwe mu banyabuterere bamenyesha ko kubona abanywanyi ba CNL baguma bafatwa ku bwinshi barementanirijwe kandi Rwasa Agathon ari umushingamateka ntibarenganurwe, mu misi iri imbere mu gihe ngo Rwasa azoba atakiri umushingamateka ngw'ibara rizorwa ku bayoboke biwe bayoragurwe kurusha uko biriko biraba. Bagasaba abarundi bose guhagurukira rimwe bikureko intwaro ikomoka muri CNDD-FDD imaze abanygihugu kamwe kamwe.

 

Vyanditswe na Mbazumutima Don de Dieu.

Partager cet article !