Mbega urunani Burundi bwa bose, rwoba rwiteguriye kurondera Abarundi kugira ngo basabe CNDD-FDD kwemera ibiganiro? Ico ni ikibazo muri CFOR-Arusha bariko baribaza
Inyuma yaho murunani Burundi bwa Bose bamenyeshereje ko amatora mu Burundi adashoboka muri kino gihe, bamwe n’abandi barabandanya kugira ico bashikirije. Murunani CFOR-Arusha, bakaba bafise ikibazo nimba urunani Burundi bwa bose, rwoba rwiteguriye kurondera Abarundi kugira ngo basabe CNDD-FDD ivyo amategeko abarekurira kugira ngo baronke inguvu zo kumvisha CNDD-FDD kwemera ibiganiro.
Mu runani CFOR-Arusha, bamenyesha ko muri kino gihe uburundi butariko buratwarwa n’intwaro ya Demokarasi, burongowe ahubwo n’intwaro ya gisirikare. Ivyo bakabivuga bafatiye ko kuva ku mukuru w’igihugu n’izindi nzego ari abasirikare kandi bavuye mw’ishamba. Intwaro ya Demokarasi n’intwaro ya gisirikare ntaho zihurira. Intwaro ya Demokarasi yubahiriza uburenganzira bw'abanyagihugu mu gihe intwaro ya gisirikare ari intwaro y’igikenye n’agahotoro.
Frédéric Bamvuginyumvira, umunyepolitike akaba yarabaye n’icegera c’umukuru w’igihugu, ubu arongoye urunani CFOR-Arusha, aranegura urunani Burundi bwa bose, kuba rwaremeye kwitaba amatora anyuranije na demokarasi. Ku bwiwe urunani Burundi bwa bose, rwategerezwwa kubwira CNDD-FDD, ko mu gihe batemeye ko habaho amahiganwa y'ukuri, boheza bakijana muri ayo matora. Bamvuginyumvira akibutsa urunani Burundi bwa bose, ko naho boronka abashingamateka 5 ata na kimwe bazokora mugutorera inyishu ibibazo umurengera bihanze uburundi.
Naho biruko, Urunani CFOR-Arusha, rurashigikiye iciyumviro c’urunani Burundi bwa bose, co gutunganya ibiganiro bihuza abarundi, kugira ngo baganire ingene igihugu cotunganywa gushasha, yamara muri CEFOR-Arusha, bakagira amakenga ko CNDD-FDD itarota yemera ibiganiro.
Frédéric Bamvuginyumvira akaba avunira akagohe abarongoye urunani Burundi bwa bose, ko kugira ibiganiro bishoboke, habwirizwa kuba inguvu z'abanyagihugu ziremera abategeka kwemera ivyo biganiro. Muri CFOR-Arusha, bakaba bafise ikibazo nimba urunani Burundi bwa bose, rwoba rwiteguriye kurondera Abarundi kugira ngo basabe CNDD-FDD ivyo amategeko abarekurira kugira ngo baronke inguvu zo kumvisha CNDD-FDD kwemera ibiganiro.
Mu makuru yacu yo ku mugoroba wo kuri uyu wa 11 Ndamukiza 2025, mukaza gukwirikira Frédéric Bamvuginyumvira, umunyepolitike akaba yarabaye n’icegera c’umukuru w’igihugu, ubu arongoye urunani CFOR-Arusha, rutavugarumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Murahawe kaze, ntimutangwe kuyakwirikira.
Vyanditswe na MBAZUMUTIMA Don de Dieu.