Umugambwe PPD-Girijambo, uhamagarira abanyagihugu kutitaba matora yimirije, nayo abazoramuka bagize ubwoba bakaja gutora, ntibaze batore CNDD-FDD, ahubwo n’ibikarata vyose bazobiterere mu gipfuko bibe impfagusa. Ikindi ni uko abarundi bose basabwa kurya
Bamwe n’abandi barabandanya kugira ico bashikirije ku vyerekeye amatora yimirije. No mu mugambwe PPD-Girijambo bemeza ko ikibazo c'ibura ry’igitoro mu Burundi kizotuma inkinamico y'amatora iriko irategurwa igenda nabi gusumvya, kuko abiyamamaza batazoshobora gushikira abanyagihugu ngo biyamamaze, mugihe umugambwe CNDD-FDD wowo ushobora kuba ufise Sosiyete idandaza ibitoro yitwa Rubis izowuhereza ibitoro ngo ushobore kwiyamamaza. Bikazotuma haboneka ko hitoje umugambwe CNDD-FDD gusa, amasanamu hakazofatwa gusa ay'uwo mugambwe aheze abariyo azokwerekwanwa nk'icemezo ko watsinze amatora.
Ariko rero mu mugambwe PPD-Girijambo, bamenyesha ko intambamyi atari ibura ry’igitoro ryonyene, ngo ahubwo ikintu nyamukuru kizotuma ayo matora agenda nabi, ngo n’intumbero ya CNDD-FDD yuko aba amatora atarimwo ihiganwa, hakemezwa ivyo CNDD-FDD yatunganije. Ivyemezo vy'uko amatora yatunganijwe nabi, ngo nukubona harakumiriwe bidasubirwamwo abatavuga rumwe na CNDD-FDD ngo bashobora kubahuka kuvuga ibitagenda neza.
Nkuko bishikirizwa n’umunyepolitike Léonidas Hatungimana, inararibonye muri CNDD-FDD, akaba arongoye umugambwe PPD-Girijambo, ahanura abanyagihugu gukanura no guhinyura amayeri ya CNDD-FDD, bagatahura neza ko CNDD-FDD idashaka amatora arimwo ihiganwa. Muri PPD-Girijambo bagahamagarira abanyagihugu kutitaba ayo matora naho nyene CNDD-FDD izorondera gukoresha igikenye kugira ngo abanyagihugu bayajemwo.
Abanyagihugu nabo bazoramuka bagize ubwoba bakitaba ayo matora, basabwa kudatora CNDD-FDD, ibikarata vyose bazobiterere mu gipfuko harimwo n’ikarata ya CNDD-FDD, haramutse hakoreshwe gutera igikumu naho bagitere ahandi atari ku kimenyetso ca CNDD-FDD kugira bihinduke impfagusa. Naho bisanzwe bizwi ko ivyo bitazohindura integuro ya CNDD-FDD, ngo babigenjeje uko ntaco kuko abanyagihugu bazobikora bazoba bihaye amahoro mu mutima wo kudatora CNDD-FDD. PPD-Girijambo ikaba iheraheza isaba abarundi bose kwitegura barye umutima amenyo bahaguruke biyamirize ayo matora hamwe na CNDD-FDD naho ari urugamba ruzobabaza abarundi, uko biri kose ngo abarundi barakwiye kubwira ubutegetsi ko ibimaze kuba bihagije ko bidakwiye kubandanya.
Vyanditswe na MBAZUMUTIMA Don de Dieu.