• Home
  • ACTUALITÉS
  • Mw’ishirahamwe ACAT-Burundi barashigikiye ko haba ibiganiro bitunganya inzira ibereye yo gushikana igihugu ku matora meza yubahiriza uburenganzira bwa muntu

Mw’ishirahamwe ACAT-Burundi barashigikiye ko haba ibiganiro bitunganya inzira ibereye yo gushikana igihugu ku matora meza yubahiriza uburenganzira bwa muntu

Iyo igihugu kiri mu mwuka wa politike mubi aho abiyamamaza batigenga, abatavuga rumwe n'ubutegetsi batotezwa canke aho ubukene n'ibibazo vy'ukwiyunguruza vyinshi vyatse indaro mu gihugu amatora ntashobora Kuba meza. Ivyo Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe Rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi, abishikirije inyuma yaho urunani Burundi bwa bose rumenyeshereje kw'amatora yimirije adashoboka kuko abashaka kwitoza batariko bashikira abanyagihugu ngo bababwire imigabo n'imigambi babafitiye hamwe niyo bafitiye igihugu biturutse ku bukene bw'igitoro.

Nkuko binavugwa n'urunani Burundi bwa bose ko hakenewe ibiganiro vyo kuraba ingene inzego zotowe zoshirwaho, no muri ACAT-Burundi barashigikiye ico ciyumviro, bakabona kw' ibiganiro bitunganya inzira ibereye yo gushikana igihugu ku matora meza yubahiriza uburenganzira bwa muntu bikwiye gushirwa imbere.

Muri bino bihe vy'amatora bitoroshe, ACAT-Burundi isaba abanyagihugu ibitari bike harimwo ukuguma barondera ukuri bakamenya ibiriko biraba mu gihugu biciye mu binyamakuru vyigenga hamwe n'amaraporo atandukanye y'amashirahamwe yigenga. Barasabwa no kudacika intege mugukomeza kugwanira uburenganzira bwabo mu buryo bw'amahoro no mukwihangana, kutareka ngw'inyungu z'abantu bamwe zisenyure amahoro y'igihugu cose ariko bame bashira imbere ibiganiro, ukwumvikana n'umutekano.

Umushingwamanza Armel Niyongere, arongoye ishirahamwe Rukristu ACAT-Burundi riharanira agateka ka kiremwa muntu akaba ari no mu bashingwamanza bituye amasentare mpuzamakungu harimwo Sentare Mpanavyaha CPI, ku mabi arimwo ubwicanyi bikorerwa abarundi kuva mu 2015. Ivyo hamwe n’ibindi vyinshi yashikirije, murabikwirikira mu makuru yo ku mugoroba wo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2025. Murahawe kaze, ntimutangwe kuyakwirikira.

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !