• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ubwoba ni bwinshi mu mpunzi z'abarundi ziri mw'ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzanie, inyuma yinyuruzwa rya Kwizera Emile batazira Gasongo yaba muriyo kambi nyene

Ubwoba ni bwinshi mu mpunzi z'abarundi ziri mw'ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzanie, inyuma yinyuruzwa rya Kwizera Emile batazira Gasongo yaba muriyo kambi nyene

Kwizera Emile batazira Gasongo yaba muri village y' indwi, zone y'indwi mw'ikambi ya Nduta, niwe yaraye anyurujwe n' abakozi b'iperereza rya Tanzaniya bafadikanije n'igipolisi ca Tanzaniya gisanzwe gicungera ikambi ya Nduta.

Bikaba vyabaye nk'igihe c'isaha zibiri n'igice z'ijoro mu masaha y'igihugu ca Tanzaniya mw'ijoro ry'uyu wa 13 rishira uwa 14 Ndamukiza 2025 aho humvikanye induru nyinshi cane y'impunzi zigerageza kurwanirira mugenzi wabo mukwanka ko atwarwa muri iryo joro atawuzi ahatwawe, biba ivy'ubusa kuko igipolisi gicungera ikambi caciye kiboneraho kurasa mugucira inzira imodokari y'iperereza rya Tanzaniya yakoreshejwe mugufata iyo mpunzi nkuko amakuru dukura mw'ikambi ya Nduta abivuga. Gushika ubu, nta numwe azi aho iyo mpunzi yajanwe.

Amakuru ashikira Radio-Haguruka ava mw'ikambi ya Nduta, yemeza ko Kuva kuno kwezi kwa Ndamukiza 2025 gutanguye gushika kuri uyu wa 13 Ndamukiza nyene 2025 hamaze kunyuruzwa impunzi z'abarundi 10. Iruhande ya Kwizera Emile batazira Gasongo, abandi twashoboye kumenya banyurujwe ni Isaac Ntibandetse yaba ku gipolisi muri Protection Village yanyurujwe ku wa 03 Ndamukiza 2025 na Nestor Manirakiza yaba muri zone ya 5, village ya kane yanyurujwe ku wa cenda Ndamukiza 2025.

Impunzi zikavuga ko abo banyuruzwa, bamwe bahorwa ko ari incambwe bize amashure maremare ngo batotejwe bakava mu mpunzi vyotuma impunzi zihunguka ku bwinshi. Iyindi mpunzi yanyurujwe ku wa 05 Ndamukiza 2025 yitwa Ismaël yaba muri zone y' 8 hafi y'isengero rya katolika. Amakuru Radio Haguruka ifise yemeza ko Isaac Ntibandetse na Nestor Manirakiza bamaze gushikanwa mw'iperereza i Bujumbura.

Izo mpunzi z'abarundi ziri ku butaka bwa Tanzaniya ziriko zihigwa n'iperereza ry'igihugu c'uburundi rifadikanije niry'igihugu ca Tanzaniya aho izo nzego zifadikanije n'igipolisi ca Tanzaniya.

Mugushika kuri uwo mugambi, izo nzego zose zifashisha imbonerakure zarungitswe na Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD mw'ikambi ya Nduta kugira zize ziramenya amakuru yabo zitanga. Izimaze kumenyekana akaba ari Ndayizeye Diomède aba muri zone ya gatatu, village ya kabiri inzu ya 47.

Iyindi mbonerakure iba muri zone ya 3, village ya 14, ikaba isanzwe ikina urukino rw'umupira w'amaguru mu mugwi Sharp Boys, yitwa Runi ikaba yahora yigisha mw'ishure ryisumbuye ryitwa Hope riri mw'ikambi ya Nduta. Iyindi mbonerakure ikoreshwa n'uhutegetsi bwa cndd-fdd mugufatisha impunzi yitwa Balaka. Iyi nayo mw'ikambi ya Nduta isanzwe ikora n'akazi ko kugurisha ama unités ya terefone, ikaba iba muri zone ya Gatatu.

Izo mbonerakure zisanzwe zifise zifise izindi mpunzi bakorana mw'ibanga aho bahanahana amakuru mu gihe baba bariko bakina umukino bita Rudo. Ibibanza bahuriramwo biri muri zone zitanu. Muri zone ya mbere bahurira muri village ya 18, muri zone gatatu bahurira muri village ya 16, muri zone ya gatanu naho bahurira muri village ya gatanu hamwe niy'umunani, nayo muri zone ya gatandatu bahurira muri village ya 14. Aho tudondaguye akaba ariho izo mbonerakure zikorera n'amanama iyo bikenewe.

Ubwoba rero ni bwinshi mu mpunzi z'abarundi ziri mw'ikambi ya Nduta zikaba zibandanya gusaba ishirahamwe HCR rijejwe impunzi kw'isi hamwe n' amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka kiremwa muntu harimwo impunzi kugira ico bafashije izo mpunzi zireke kubandanya zitotezwa mukunyuruzwa zikaburigwa irengero. Nayo reta ya Tanzaniya bayisaba guhagarika umugambi mubi ifadikanije na reta y'uburundi wo kunyuruza impunzi z'abarundi no kuzitahukana ku nguvu.

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !