Abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya babandanya gutaka batabaza, ko amagorwa barimwo batabona uwo bari buyature
Muri kino gihe, Impunzi z’abarundi zahungiye mw'ikambi ya Nduta, zimenyesha yuko amabi bariko bakorerwa na reta y'uburundi ifadikanije niya Tanzaniya azoteba akabazwa abagize ayo mareta mu gihe hazoboneka ubutungane bushobora gutunganiriza abarundi b'impuzi bariko bahura n' ingorane bari ku butaka bw'igihugu ca Tanzaniya.
Nkuko amakuru ava muriyo kambi ya Nduta abivuga, hari inama yabaye kuri uyu wa gatandatu itariki 19 Ndamukiza 2025 yabaye yari irongowe na Ndayizeye Diomède aba muri zone ya gatatu village ya kabiri inzu ya 47 hamwe na NIYONYUNGU Désiré asanzwe aba muri zone ya gatatu, village ya 16, inzu ya 16. Amakuru Radio Haguruka ifise yemeza ko Désiré Niyongungu ari intumwa ikomeye ya Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD. Niyonyungu akaba azwi neza na Reveriyano Ndikuriyo, mbere bakaba bava muri komine imwe ya Kayogoro mu ntara ya Makamba.
Kubwayo makuru, Désiré Niyongungu kandi, umugore wiwe yarahungutse ariko uwo Désiré wewe yigumiye ku kazi yahawe ko kudandaza bamwe mu mpunzi z'abarundi ziri i Nduta.Désiré avuga ko yasabwe kuguma mw'ikambi ya Nduta mu ntumbero yo gukurikirana ivyo muriyo kambi no gukorera akazi ubutegetsi bwa CNDD-FDD.
Abandi bari bitavye iyo nama ni Vincent Ndihokubwayo aba muri zone ya 13, village ya 23 inzu ya 55. Uwundi ni Runi asanzwe akina umupira w'amaguru mu mugwi wo mw'ikambi bita sharp boys. Runi akaba yahoze ari umwigisha kuri hope secondary school. Uwundi yitavye inama ni Balaka asanzwe adandaza ama unités mw'ikambi aba muri zone ya 3. Muriyo nama barabiye hamwe icegeranyo c'ibikorwa bari bagize imisi bakora co gutanga impunzi zikanyuruzwa, bakaba bari baraye batanze impunzi igira 10 kuva kuno kwezi kwa Ndamukiza 2025 gutanguye. Désiré Niyongungu amaze gufata ijambo muri iyo nama, yamenyesheje ko murabo 10 batanzwe atawuzosubira kuboneka ngo kiretse uwo bihenzeko yitwa Emile Kwizera batazira Gasongo yatwawe mu kibaza c'uwitwa Gaston.
Désiré yemeje ko ibikorwa bikiriho ata kwicara kandi ngo ubu bagiye kugabanya kuja kuri Rudo bakoreshe ico bise plan B yo gukoresha akabare aho bazokwemera gutana amadeni menshi, impunzi zihurimbire ako kabare, abatazi impamvu bazoze barakavugiramwo amajambo menshi azotuma abo bakozi ba reta y' uburundi baronka amakuru menshi bakorerako mukudandaza abavugirwa murako kabare. Uwo bise Boss wabo ariwe Reveriyano Ndikuriyo akaba ngo yaremeye kubongereza amafranga basanzwe bakoresha mu ntumbero yo kubashimira ku gikorwa bamazemwo iminsi aho mu ndwi zibiri gusa bashoboye guha reta y'uburundi impunzi zigera kuri 10. Izonga nazo zicururizwa murako kabare zikaba zituruka mu Burundi zirungitswe n' ibuyobozi bw'umugambwe CNDD-FDD.
Ku makenga bamwe mubakora ico gikorwa co kudandaza zimwe mu mpunzi z'abarundi ziri i Nduta ko reta ya Tanzaniya ishobora kuzobihinduka kuko ivyo bakora bimaze kumenyekana, Désiré Niyongungu yararemesheje abafise ayo makenga mukubabwira ko boshira ubwoba kuko police ya Tanzania bumvikana cane na ba Boss wabo ariwe Reveriyano Ndikuriyo .
Impunzi mw' ikambi ya Nduta zimenyesha yuko amabi bariko bakorerwa na reta y' uburundi ifadikanije niya Tanzaniya azoteba akabazwa abagize ayo mareta mu gihe hazoboneka ubutungane bushobora gutunganiriza abarundi b'impuzi bariko bahura n' ingorane bari ku butaka bw'igihugu ca Tanzaniya.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.