• Home
  • ACTUALITÉS
  • Papa Fransisko yitavye Imana mu gitondo co kuri uno wa mbere ku myaka 88

Papa Fransisko yitavye Imana mu gitondo co kuri uno wa mbere ku myaka 88

 

Nkuko vyatangajwe na Kardinali Kevin Ferrell ajewe ibiro vya Vaticano, yatangaje ko kw'isaha imwe n'iminota 35 zo mu gitondo c’uyu musi, Musenyeri wa Roma, Francis, yasubiye mu nzu kwa Data. Ubuzima bwiwe bwose yari yabuhebeye gukorera Umukama na Ekleziya yiwe.

Nkuko yabandanije abimenyesha, yavuze ko Papa Fransisko, ngo yabigishije kubaho bakurikiza indangagaciro z'ijambo ry’Imana mu budahemuka, n'umutima rugabo no mu rukundo rusangijwe bose, cane cane aboro kurusha abandi na ba ntahonikora.

Yavuze kandi ati : Nduguruye twamugina « Tuzirikanye dushimitse cane akarorero kiwe nk'umwigishwa w'ukuri w'Umukama Yezu, turashize umutima wa Papa Fransisiko mu rukundo rw'imbabazi rudashira rw'Imana Imwe kandi Nyeranda » ndugaye twamugina.

Tubibutseko Urupfu rwa Papa Fransisko ruje inyuma y'amasaha ari musi ya 24 yiyeretse isinzi ry'abantu mu kibanza citiriwe Petero Mweranda i Vaticano kuri uyu w’Imana wa Pasika, itariki 20 Ndamukiza 2025.  Akaba yari yashitse muri ico kibanza bamusunika ku ntebe y'abamugaye,  aramutsa abantu ari ku rubaraza rwa Bazilika ya Petero Mweranda, abwira isinzi ry'abantu bari banezerewe no kumubona ati: nduguruye twamugina « Bavukanyi, Pasika nziza » ndugaye twamugina. Twibutse ko Fransisko yari yasubiriye Benedicto XVI.

 

Vyanditswe na Dod de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !