Rupfu, intsinzi yawe iri hehe?
Ayo niyo majambo atangurira ubutumwa umupfasoni Maragarita Barankitse yatanguje ikigo Maison Shalom hamwe na Fondation Maragarita Barankitse yatanze kuri iri genekerezo rya 26 Ndamukiza 2025, aho haheze imyaka 10 hatanguye ingorane zitewe n’ikiringo ca gatatu kinyuranye n’amategeko ca Petero Nkurunziza. Ikiringo cagize inkurikizi nyinshi mbi: abantu benshi baricwa, barapfungwa abandi barangazwa n’ubutegetsi.
Abagabo, abakenyezi, abana n’abandi bicwa, bapfungwa abandi bakangazwa haraheze imyaka 10 nkuko bivugwa n’umupfasoni Maragarita Barankitse nta rindi kosa bakoze atari ukuba bashatse kurwanira mu burwaneza, umushinge w’amahoro. Ntibaguye mu rwanko, ariko mu gateka n’ukwemera bitegura kazoza keza. Akamo kabo gasaba ubutungane, uyu musi karacumvikana nk’igisabisho kibwirwa abijuru.
Maragarita Barankitse avuga ko yibuka ivyabaye nk’ivyabaye ejo hahise aho umumaratiri yabonetse ku bw’iterabwoba: umwana Komezamahoro Nepo w’imyaka 16. Maragarita amubona nk’umumalayika apfukamye, ibiganza bimanitse hejuru, ata kirwanisho afise araswa urusasu mu mutwe. Uwo musi Maragarita yiboneye igihugu cose uko carize.
Uwo mupfasoni aribuka kandi isinzi ry’abantu ryishikiye gusezera ubwanyuma Nepo Komezamahoro, imitima ituntuye ariko yuzunze ubumwe mu Rukundo. Uwo musi uca uba intango y’urugendo rw’amagogwa, Nepo Komezamahoro akurikizwa abandi. Amajana, ibihumbi. Ivyo bikaba bikibandanya, birababaje.
Maragarita abandanya amenyesha muri ubwo butumwa bwiwe ko nawe ubwiwe yihagazeko yanka guhunga. Ariko harageze aho vyanka afata ingingo yo guhunga amaze kubwirwa ko ubuzima bwiwe bubangamiwe. Umusi ahunga avuga ko yari yikoreye mu mutima wiwe umutwaro uremereye. Ngo ntazokwibagira na rimwe umwiheburo w’impunzi za mbere bahuriye mw’ibarabara zigizwe n’ imiryango zirushe, ataco zifise, zakomeretse ku mubiri no mu mushaha. Ico gihe, umupfasoni Maragarita Barankitse akabaza Imana uko we nizo mpunzi bazoshobora kubandanya babaho, aho bazokura inguvu.
Ariko muri iryo joro ry’umwijima, umuco w’Imana waciye utangura kwakaka birenze. Maragarita akemera kw’Imana bari barikumwe. Ukuboko kwose yatega asaba, uwobarabana wese ababaranye n’impunzi, mu gihe cose bafatanye mu nda, Maragarita Barankitse yabonye urukundo rw’Imana rurangukira mu bikorwa. Bikaba mw’ijammbo ry’Imana riri mu gitabu c’inkurunziza ya Matayo ikigabane ca 5, umurongo wa kane. Hagira hati. Nduguruye twa mugina. « Hahiriwe abari mu marira kuko bazohozwa ». Ndugaye twa mugina. Ngo ni muri uwo muhango bashoboye gukura inguvu zibahagurutsa.
Nkuko abandanya abishikiriza mu butumwa bwiwe, Maragarita Barankitse avuga ko mu myaka 10 y’amarira y’ububabare, abahunze bahisemwo urukundo banka urwanko, bahitamwo imbabazi hakwihora. Abo bose bahimbaza intsinzi y’ukwizigira ububasha bw’Imana bwabafashije guhindura umubabaro mu bwira, ubuhunzi mu butumwa bw’amahoro. Mu vyo biyemeje, mukugendera Ubuntu, barateye imbuto nshasha ya kazoza. Barateye intege abakozweko n’ingorane uburundi burimwo baragarura akajisho, bariyubaka bahinduka abaremesha amahoro n’ubutungane nkuko Kristu yabikoze agirira imbabazi n’abariko baramubamba.
Uyu musi, urwaruka rwinshi rw’impunzi ruriko rubandanya amashure ya kaminuza. Urundi ruriko ruriga imyuga nyayo. Kubera ishure ryitiriwe umweranda Anna riri i Kigali, abana b’abarundi n’abanyarwanda, ata kuvangura bararonka indero nziza mu rukundo no mu bwubahane. Ivyo ngo ntivyari gushoboka iyo hataba imitima yagutse, yakirana y’ababa mu gihugu c’urwanda cakiriye impunzi. Ku bw’umupfasoni Maragarita Barankitse, uwo ngo ni umuhezagiro kuba barakiriwe n’abagabo n’abapfasoni barangwa no gukunda abandi. Abo nabo ngo bategerezwa kubasubiriza mu ndumane.
Maragarita arashimira kandi abafatanyabikorwa aho bari kw’isi hose hamwe n’abagenzi b’intahemuka. Ngo ni kubera bo, Maragarita nabo bakorana bashoboye kwubaka, kuvuza, kugaburira, kwigisha na cane cane gusubiza agateka ibiremwa vyinshi vyakomeretse mu mubiri no mu mitima.
Maragarita nabo bakorana nkuko bibandanya bishikirizwa muri ubwo butumwa bwasohotse uyu musi haheze imyaka 10 uburundi buri mu ngorane ziturutse ku kiringo ca gatatu kitubahirije amategeko ca Petero Nkurunziza, bariyumvira n’urukundo rwinshi abavukanyi b’impunzi z’abarundi bahungiye mu bihugu aho ubuzima bwabo buri mu kaga. Ngo nibamenye kw’atari bonyene, Maragarita n’abiwe ngo babana nizo mpunzi mu mitima yabo no mu gisabisho. Maragarita Barankitse ntiyibagiye no gukengurukira vy’imvamutima abakorera ikigo Maison Shalom. Abagize uwo mugwi avuga ko aribo vyabona vy’urukundo rurangukira mu bikorwa. Icemezo bafashe ngo ni umuhezagiro.
Uyu musi umupfasoni Maragarita Barankitse amenyesha ko hari urunganwe rushasha rwahagurutse. Urwo ruganwe ngo ruriteguriye kwubaka uburundi buzira amacakubiri, uburundi bushinze imizi mu Rukundo, mu kuri mu butungane. Uburundi bushasha aho imbabazi zifise inguvu kurusha urwanko kandi umuco nawo ukomeye kurusha umwijima. Kuko bemera kw’Imana igarura, ihagurutsa kandi ihumuriza. Ngo ni muriyo Mana bashize ubwizigirwa. Hize ubwizigirwa.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.