• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Léon wa 14, yatowe ku muhingamo wo kuri uyu wa kane

Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Léon wa 14, yatowe ku muhingamo wo kuri uyu wa kane

Umunyamerika Robert Francis Prevost w’imyaka 69, niwe yatowe kuba Papa, azokwita Léon wa 14. Akaba yarasanzwe ari umwungere wa Diyoseze ya Chicago muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Papa Léon wa 14, yavutse itariki 14 Nyakanga 1955, akaba yarigeze kurongora urwego rukomeye rugena abasenyeri kw'isi yose bita Dicastery for Bishops kuva mu 2023, muri kino gihe akaba ariwe yari arongoye urwego ruserukira Papa mu gice ca Amerika kizwi nka « Latin America » akaba kandi akomoka mu muryango w'abapatiri bene Augustino.

Robert Francis Prevost, yatiwe mu mabanga yo kuba umukaridinare 2023, vyumvikana ko amaze imyaka ibiri. Afise kandi urupapuro rw'umutsindo mu biharuro no mu mategeko y'Ekleziya « droit canon ». Mu mazina yanurwanurwa umukaridinare Robert Francis Prevost akaba atigeze avurwa mubashobora kugenwa muri ayo mabanga.

Nkuko amakuru abandanya kumenyekana, ngo mu bijanye n'ivyiyumviro ashira vyiwe, ngo amenyerewe avugira agateka k'abakozi hamwe n'abimukira. Muri kino gihe isi yose iri muruhagarara rw’ikibazo c’abimukira, ntawuzi ko azoshobora kugira ico akoze mu guhanura ama Reta atandukanye gutorera inyishu ico kibazo kidasanzwe.

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !