• Home
  • ACTUALITÉS
  • Naho bitavugirwa hejuru, biraboneka ko amatora ariko arategurwa azokwega akarambaraye mu gihugu

Naho bitavugirwa hejuru, biraboneka ko amatora ariko arategurwa azokwega akarambaraye mu gihugu

Uwutazotora umugambwe CNDD-FDD azoce amenya iyaja. Vyavuzwe na Gaspard Sabiyaremye akorera mu buyobozi bw'indero mu ntara ya Kayanza akaba yabivugiye ku Mutumba Buyumpu, zone Rugazi muri komine Kabarore. Ayo majanbo akurikiye ayashikirijwe n'umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD aho ahamagarira abagumyabanga kubana neza n'abandi banywanyi b'iyindi migambwe.

Bamwe n' abandi bavuga ko ivyavugiwe i Kabarore mu Kayanza arivyo bigaragaza ukuri kw'amatora ategurwa n'umugambwe CNDD-FDD. Ubutegetsi bw'uwo mugambwe ngo butegura amatora bushiramwo iterabwoba, ayo nayo ngo si amatora. Basaba abarundi kwumva ibiriko bikorerwa ku rubuga ngo baheze babandanye barondera uko hazogera hagatunganywa amatora y'ukuri kandi atekanye.

Tukiri ngaho ku Mutumba Buyumpu, muri zone Rugazi komine Kabarore mu ntara ya Kayanza,  umukuru w'umugambwe  kuri uwo mutumba yitwa  Célestin ahimiriza abanyagihugu bo ku mutumba Buyumpu gutora CNDD-FDD kuko mu matora yo mu 2015 no mu 2020, umugambwe CNDD-FDD waronse amanota mabi muri uwo mutumba bivanye n'abanywanyi b'umugambwe CNL bo kuri uyo Mutumba 

Ubu rero ngo yibaza ko ata baCNL bahari. Yamenyeshejeko umu CNl wo kuri uyo mutumba yumva ko azoja kwonona amajwi y'umugambwe CNDD-FDD, hakubikora ahe ikarata yiwe uwurongoye agacimbiri atore mu kibanza ciwe. Célestin arongoye umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Buyumpu aremeza neza ko abatazotora CNDD-FDD bazogira ibibazo.

Naha abavyumvise basaba abarundi n'amakungu kwumva ko umugambwe CNDD-FDD wateguye kwiba amajwi biciye mugutora kenshi bikozwe n'umuntu umwe, kandi ko wemera ko uzokorera ikibi abanyagihugu batawuyoboka. Bagasaba abarundi kwunga urunani bikureko intwaro ifise umugambi wo gukorera ikibi abanyagihugu ukanabivugira aheru. Intwaro ikomoka muri CNDD-FDD ngo nta migambi ifise ibwira abanyagihugu uretse iterabwoba. Iyo ntwaro nayo ngo siyo abarundi bakeneye.

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !