Murundi wese «Kanguka udaheranwa n’agahinda»

  I.Intangamarara

 II. 1.Guheranwa n’agahinda: insiguro

 II. 2.Ingene kwigunga bitiza umurindi n’imbaraga ubutegetsi mu gutoteza abarundi

  II.3. Nyamwigendako ntarimira impeshi

  II.4. Guheranwa n’agahinda bisigura iki?

  III. Ibuye riserutse ntiriba ricishe isuka

 IV.Umusozo

 I. Intangamarara

Guheranwa n’agahinda ni ukwicwa n’intuntu, ukabaho wigunze, utagira kiremesha mu babanyi n’incuti n’ababanyi, ukabura uwo ubaza n’uwuhanuza mu bihe bigoye vy’ubuzima maze ugasigara wigendako nk’ubugi bw’ishoka maze ukaba Nyamwigendako!

 II. 1.Guheranwa n’agahinda: insiguro

Guheranwa n’agahinda Kandi Umuntu abana n’abandi mu gihugu, mu gisagara no mu bisagara, n’ikintu kibabaza ku buryo umuntu ashabora kwibaza nimba koko abana n’abantu canke n’ibikoko! Kudatabarana, kutaremeshanya no kwinubana mu barundi mu bihe igihugu kiriko kiracamwo Uno munsi ni bimwe mu bintu bigaragazako Uburundi bwamaze kwononekara caaaneee ku rugero rumwe rubabaje caaaneee, ariko kandi n’ikintu kiri mu bintu biteza umurindi n’imbaraga ubutegetsi mu Burundi kugirango bubashe guhonyanga abarundi ku gakanu atacamira!

II.2. Ingene kwigunga biteza umurindi n’imbaraga ubutegetsi mu gutoteza abarundi

Mur’ubu buzima nta muntu n’umwe atazi ko n’ibikoko ari ibikoko biratabarana! Imana mu kuturema yaturemanye ubwenge burengeye ibindi biremwa mw’isi kugirango tubigabe tubiganze mu bugwaneza no mugusonera ibindi biremwa kandi ivyo biragaragarira nko mu kuvyitaho, kubitabara, kubitabariza ndetse no gukora ivyo dushoboye nko kubigaburira, kubivuza kugirango bishobore kubaho neza no kugaragara neza!

II. 3. Nyamwigendako ntarima impeshi

Mur’ibi bihe igihugu cacu c’Uburundi n’abarundi turiko turaca mu bihe bitoroshe, nashaka twibukanye ko «Guheranwa n’agahinda» ari ikintu kibi kandi ko Ari ikintu co kurwanya no kwamaganwa nuwo wese yunva canke abonwako ubugunge!

«Nyamwigendako ntarima impeshi» kuko kuva na kera na rindi, abarundi bamye «Bahinda ikibiri» mu bihe bitoroshe Kandi bakigobotora mu bibazo ndetse bakiteza imbere!

Mur’ibi bihe rero bibi Kandi bidasanzwe, harageze ko abarundi dufatana mu nda, tugahura, tukayaga ku bibazo biturembeje, tugafashanya, tugatabarana kuko turavukana, turi abarundi Kandi tuvuga ikirundi.

II.4. Ingaruka zo guheranwa n’agahinda

Iyo umuntu ari mu gahinda, atangura kubura amahoro, ugakena mu mutwe, mu mufuko  no ku mubiri maze abantu bagatangura kukubona wihererako nk’ikoti kuko naho ibifungurwa vyoboneka urateba ukabura akayabagu, ukihebura kugeza naho wiyakira m’urubwo buzima kandi Hariho ukuntu umuntu yakwihindurira ubuzima mu gushobora kwiyunga n’abandi na none iyo abantu bayaze neza baraheza bakungurana ubwenge maze bakamenya aho ikibazo kiri!

III. Ibuye riserutse ntiriba ricishe isuka

Kuva Leta ya CNDD-FDD ifatiye ubutegetsi muri 2005, abarundi bagumanye amakenga baravye ivyo bari bahitiyemwo bakiri mw’ishamba! Bamaze kugaruka mu banyagihugu, bagarutse bafise agatimatare n’ubunyamaswa budasanzwe ariko rero abarundi barashoboye kwihangana naho hariho abarundi benshi bataye izabo, bangajwe, bishwe, banyazwe, batotejwe bimwe bitagira izina! Benshi mu barundi baratevye barafatwa ndetse baranicwa n’agahinda! Ariko rero basokuru barayamaze bati «Ibuye riserutse ntiriba ricishe isuka».

Haguruke rero twanke guheranwa n’agahinda kuko murunva ko kanabangamiye ubuzima bwacu, maze duhaguruke, tuyage, dufatane mu nda, Kandi tunarabe icokorwa kugira ngo twikure muri aka Kaga Leta ndede yadusutsemwo!!!

IV. Umusozo

Barundi barundikazi, rwaruka, Mur’ibi bihe bidasanzwe, turasabwa kugwiza urukundo, kwitwararika abandi, kubona ko Uburundi n’abarundi tugeramiwe n’akagwi k’abasuma, abicanyi, n’ayandi mabi umuntu adashobora gutorera izina! Mur’ibi bihe abarundi booosee Kandi mu mice y’igihugu cose turarushe!

Abarundi rero tweeseee dukwiye guhagurukira rimwe, tukayaga, tukavugana, tukadomako urutoke ibibazo turimwo kugira ngo tutaguma mu gahinda maze tumenye umwansi uwariwe n’aho Ibuye riherereye kugirango ridakomeza kwica Isuka!

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !