Mw'ihuriro ry'abakorewe ivyaha vy'ihohoterwa (CAVIT), bariyamiriza bivuye inyuma amabi akorerwa mu ma bohero atandukanye ari mu Burundi
Muri iryo huriro ry'abakorewe ivyaha vy'ihohoterwa (CAVIT), bamenyesha ko bakwirikiranira hagufi ibikorerwa mu ma bohero atandukanye ari mu Burundi kandi ngo bakaba bavyiyamiriza bivuye inyuma. Ivyo bakaba babivuze inyuma yaho haciye imisi hibonekeza ingendo iboneka nka nshasha kuri bamwe yo kwaka amafaranga y'umurengera ku banyororo bashasha binjiye ibohero rikuru rya Bujumbura riri ku musaga. Ku bw'iryo huriro nyene ry'abakorewe ivyaha vy'ihohoterwa (CAVIT), babona ko ata bishasha birimwo ngo kuko ayo mahera yamye atozwa kandi n'abayatoza bamwe bamwe ngo si bashasha noneho n’ikigeretseko ngo n'ubuyobozi buba bubizi.
Akarorero batanga akaba arako uwitwa Dume, aho kuva 2015 gushika 2018 mu mpera yari Kapita Jeneral wa Sekirite ngo akaba yarica agakiza. Umunyororo ashaka gusimbira kuraba umuryango ata muciyeko ngo ntivyakunda. Kumunyororo ngo yaba yipfuza kumarayo umusi umwe gusa yatanga amafaranga ibihumbi amajana atatu (300.000). Muri ayo ayagera kubihumbi ijana (100.000) ngo akaba yari ayiwe, nayo ayagera kubihumbi amajana abiri, umuyobozi w’ibohero (Directeur) ngo yarazwi ku mazina ya BIGIRIMANA Deo batazira Rutwe, akaba ariwe yaca akubitira kuwinyuma.
Nayo ngo uwushaka gutunga aga telephone gatoya, muri ico gihe ngo yatanga kwa Dume ibihumbi mirongo itanu (50000) . Dume akaba yatonda gutanga rapport muri documentation imisi yose mu gatondo. Uwo Dume ngo mugihe yanavuzwe mw'inyuruzwa rya Kiraga Juvent yagirizwa urupfu rw'ababikira ba batariyanokazi baba mu kamenge, aho bivugwa ko yasohotse ibohero yasavye uruhusha rwo kuja kuraba umuryango ntamenye ko ari umutego bamuteze ashitse haruguru y'irembo agaca afatwa akurizwa imodoka TI yarimwo uwo Dume gushika nubu akaba atawuramenya irengero ry'iwe.
Muri CAVIT, bavuga ko Dume ngo yica agakiza, ngo kuko yapfungira mw'ikosorero uwo ashatse akareka uwo ashatse. N'uyu musi ari mu bagirizwa kwiba amafaranga y'umurengera abanyororo bashasha.
Nkuko bibandanya bivurwa n’ ihuriro CAVIT, ngo ikindi cerekana ko ubuyobozi bw'ibohero buba bubizi, ngo kugira umuKapita Jeneral ajeho mumyaka iheze, ngo yategerezwa gutanga hagati y'umuliyoni (1.000.000) n'imiliyoni zibiri (2.000.000) ku muyobozi. Mw’ihuriro ry'abakorewe ivyaha vy'ihohoterwa (CAVIT), bagasaba ko mu gutora abaserukira abanyororo hokwisungwa amategeko hakarabwa uwigenjeje neza hamwe n'abafise ivyaha bitobito. Ivyo ngo bakaba babivuze ngo kuko kenshi usanga abaserukira abanyororo ari abantu bari ku minyororo miremire nkiyo guherayo n'imyaka irengamirongo ibiri (20 ans).
Mw’ihuriro ry'abakorewe ivyaha vy'ihohoterwa (CAVIT), barangiza basaba umurwi w'Igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH gushika mu mabohero bakirabira ibihabera, eka ngo n'Umukuru w'Igihugu hamwe n'abashikiranganji cane cane uw'ubutungane n'uwagateka ka zina muntu no gufatana mu nda ngo bokwishikira mu mabohero atandukanye kugira nabo babone ibiberayo.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.