Akamo kubarundi bose
Kuba un résistant ni ukuba uhisemwo kwemera umubabaro wose kugira ukize abandi, uba wiyemeje gukora igikorwa kitungukira wewe ahubwo gifasha abandi benshi. Ko aho turi ari kugira abandi baronke ihinduka mubuzima bwabo, ko nahisemwo gufata responsabilité irengeye kure kurusha ubuzima bwanje.
Le but de notre vie ntabwo ari kumererwa neza igihe binkundiye, ahubwo ni kugira ukwo nshoboye haba mumwumvikano eka vyanse bikaja no mukwirwanira (lutte). Chaque combattant ategerezwa kurwanira ineza y’abandi barundi babayeho nabi kugira ubuzima bwabo buhinduke.
Bizotubabaza igihe tuzokwikangura ataco tugikijije, reka ntituze twiteko umwikomo ngo ese iyomenya. Abarundi bararushe nagacinyizo bakorerwa, bararushe n’ubukene bashizwemwo, bararushe n’ubwicanyi bakorerwa, bararushe kubona itunga ry’igihugu ryokijije benshi rija mu mifuko yakarwi gato, bararambiwe n’ubuhungiro basigaye babaho nkabadafise igihugu. Amabi abarundi babayemwo ntawoyaheza.
Mugabo naho biri uko, ntitwihebure reka duhagurukire hamwe twikureko iyo Ntwaro karyanisha miryango, ntihararengerana vyose birashoboka tuviriye hasi rimwe.
Abemera barazi inkuru ya Nehemiya abwira abantu biwe, ati muzokwumva ryari? twageze aha gute? mbe ko mudahaguruka kugira twubake uruhome rudukingira abansi?
Mes compatriote ndabateye akamo ko gufata ibintu muminwe yanyu kuko ntawundi akajejwe. Tudahagurutse uno musi ejo hazoba ari kera.
Luttez pour ta vie
Luttez pour ta famille
Luttez pour la nouvelle génération
Luttez Pour ta nation
Ndabizi murabishoboye / Ndabizi murabishoboye.