Ibimenyetso ni vyinshi vyerekana ubutegetsi bugire butembe, mugabo tuzorabira hamwe ibigera kuri bitatu bakunda kuvuga ko arivyo nyamukuru.
Ikimenyetso ca mbere nico bita mu kinyamazuru « Perte de légitimité ». Nkuko mu bizi CNDD-FDD kuva 2015 yarihaye ubutegetsi ku nguvu. Muri 2020 amatora yaribwe. Muri aya matora aheruka ya 2025 bihaye ibice birenga 90 %. Ico bivuze si kindi nuko CNDD-FDD iri kumuhero kuko biciye mu matoro barazi neza ko abarundi batayerekwa. CNDD-FDD ica rero ikoresha iterabwoba no mu bintu bicira umuriro kugire bigumize kubutegetsi.
Muti none dukore iki? Ica mbere ni gutsinda ubwoba. Kuko ubwoba ntibudukiza inzara canke amagorwa igihugu kirimwo. Ubwoba nibwo butugumiza mu bucakara, nibwo budutuma duteba kwibohora. Ikindi ni kubandanya twitunganya kuburyo ingamba zose zihari zikomere hama ejo ako gatsi kanyuma CNDD-FDD isigaje tukadendure.
Murundi wese, haguruka twibohore iyi ntwaro y’igikenye n’agahotoro 💪🏻