Ikimenyetso kigira kabiri cerekana ko CNDD-FDD iriko iratemba

Abihweza ibintu n’ibindi, bavuga ko ico kimenyetso gihaze cane cane kwibura ry' « UMUTEKANO ». Murabona ko CNDD-FDD vyayinaniye gushiraho ubutungane bugororotse kandi bukorera bose. Président Evariste Ndayishimiye, yirirwa nawe nyene aravyidogera.

Ikindi ni uko CNDD-FDD vyanse ko irwanya igiturire. Ikindi nuko CNDD-FDD yishe igisoda n'igipolisi ubu uno munsi barikekana eka nabitwa ko baje bava muri CNDD-FDD muhora mwumva ingene bakuranamwo. Hari abasirikare bafunzwe kubera badatahura kandi banse kuja kurwana na M23. Ingwano imirwi itandukanye y’abarundi ivuga ko itabona inyungu izozanira uburundi

Utwo turorero tuvurwa, twerekana yuko intwaro dufise ya CNDD-FDD vyanse kandi ko vyayinaniye kuko ariyo ituma « UMUTEKANO » muke mugihugu. Mukibuka ko iyo atamutekano uhari abantu barahunga, abandi bakanyarwa ivyabo, bagafungirwa ubusa eka amabi yose niyo aca yinganza mu gihugu kitgira « UMUTEKANO ».

Muti dukore iki? Benshi muri twebwe twaramaze gushira ubwoba mugabo kubiyagira abandi ko nabo bobushira bagafata iyambere mukuza kudendura CNDD-FDD bagaheza ntibabikore. Iciza rero ni uko twokomeza kubiganira hagati yacu mu bagenzi, mu miryango yacu, mubo dukorana eka no mu barundi bose duhura.

Umwese wese yihe igikorwa co kuzana mu rugamba turimwo minimum umuntu umwe muri aya mezi abiri akurikira.

Murundi wese, haguruka twibohore iyi ntwaro y’igikenye n’agahotoro 💪🏻

Partager cet article !