Jenerari Silas Ntigurirwa aragirizwa kuba ariko aranyaga amatongo y'abanyagihugu bo muri zone Buterere
Abajenerari mu Burundi barabandanya gukoresha igihagararo cabo bakanyaga amatongo y'abanyagihugu. Akarorero ni jenerari Silas Ntigurirwa ariko aranyaga amatongo y'abanyagihugu bo muri zone Buterere, karitiye Buterere ya mbere, cellule ya gatatu akoresheje Ramazani yamuka mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Ku musi wa gatanu w' indwi twaraye dusozereye igenekerezo rya 29 Myandagaro 2025, Ramazani Nzeyimana yatanguje ibikorwa vyo kwubaka mu maparasera ari muri cellule ya gatatu, karitiye Buterere ya mbere, zone Buterere, komine Ntahangwa, neza na neza inyuma ya SOGEA SATOM.
Amakuru ava mu Buterere, abanyagihugu bageramiwe no kunyarwa amaparasera yabo ngo baragerageje kumenyesha umukuru wa karitiye Buterere ya mbere n'umukuru wa zone Buterere Hategekimana Serges barabura ico bakora bumvise ko Ramazani ariko yubakira jenerari Silas Ntigurigwa. Abanyagihugu bo mu Buterere bamenyesha umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ko bariko banyarwa amatongo yabo atacamira.
Imiryango ishika 35 yaho mu Buterere niyo iriko inyagwa amaparasera na jenerari Silas Ntigurigwa. Iyo miryango ikababazwa n'ingene ayo maparasera yari isanzwe iyafitiye impapuro ikanayarihira amakori muri reta, umujenerari akaduka akayabanyaga bene umurango babona. Iyo miryango itakambira umukuru w'igihugu kubakurako jenerari Silas Ntigurigwa hamwe na Ramazani Nzeyimana ngo niho bwoba bubaye ubutungane.
Abandi banyagihugu baguma bumva amagorwa bagenzi babo bagowe mukunyagwa utwabo n'abajenerari basaba abarundi bose gushigikirana, bave hasi biyamirize intwaro ya CNDD-FDD irangwa no kunyaga utwo abanyagihugu.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.