• Home
  • ACTUALITÉS
  • Iyi ndwi nagire tuyage kuvyanditse mu gitabo ca Sun Tzu citwa "L'art de la guerre". Kirimwo inyigisho nyinshi mugabo nagerageje kubishira mu duce dutatu

Iyi ndwi nagire tuyage kuvyanditse mu gitabo ca Sun Tzu citwa "L'art de la guerre". Kirimwo inyigisho nyinshi mugabo nagerageje kubishira mu duce dutatu

 

Reka turabe agace kambere kavuga ko ica mbere gikenewe ni "Stratégie ou stratégies" bivuga ko hategezwa kuba itegurwa yivyo umuntu ashaka gushikako , kumenya inguvu canke aho umuntu adafise inguvu, kugira amayeri, kwiga urubuga ukorerako eka n'ibindi bija mu ntumbero yo kwitegura.

Uru rugamba turimwo ntirworoshe kuko turiko tuvuga guhindura ubutegetsi kuko turiko tuvuga guhindura inyifato yacu kuko turiko tuvuga ibintu gushika uno munsi intwaro zimaze kuba i Burundi zananiwe kubishikako. Ivyo si ibindi harimwo intwaro rusangi, ubutungane bwigenga, kuzamura ubutunzi eka n'ibindi vyotuma Uburundi butera imbere mu bisata vyose.

Ico gikorwa nticoroshe bisaba ko imvugakuri tuvyitwaramwo neza mu kwitegura, mu kwitanga, mu kumenya neza aho dukorera abakunzi n'abansi   mukuba muri make ico bita "Un bon stratège". Sun Tzu yavuze ngo: "Le meilleur général est celui qui triomphe sans combattre" twumve neza ko kugira stratégie bivuze ko urugamba urwari rwose ruca rworoha kuko uba warwiteguriye kandi uzi neza ryari umwansi umuhwikira. Muvyo dukora vyose tugume twiyumvira la meilleure stratégie.

Partager cet article !