• Home
  • ACTUALITÉS
  • Hari umunyagihugu yandikiye umukuru w’igihugu amumenyesha kwivyo avuga bitera isoni abanyagihugu

Hari umunyagihugu yandikiye umukuru w’igihugu amumenyesha kwivyo avuga bitera isoni abanyagihugu

Amajambo umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye avugiye mu Rutana ku musi wa gatatu w'ino ndwi aho yifatira mu gahanga Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE , hari umunyagihugu yandikiye umukuru w'igihugu agira ati: Nduguruye twa mugina.

Nyakubahwa Prezida, iyo ibintu vyabananiye kizire ko muta ikuvyo kuri aba na bariya! Hari ibintu muvuga bigatuma twibaza ko mutitahura ico muri co! Pacifique siwe yakubujije gushira Imigambi wemereye Abarundi mu ngiro, Pacifique siwe yatumye munanirwa kurwanya Ibiturire mu Gihugu, Pacifique siwe yatumye Ibitoro biba ingoma mu Gihugu, Pacifique siwe yatumwe mureka Abasuma bakabasumvya inguvu.

Nyakubahwa, Abantu nkaba Pacifique banumishwa n'Ibikorwa!! Wewe korera Neza Igihugu uheze urabe ko Pacifique atazokwinumya we nyene!!! Pacifique siwe atuma Amakungu Abaha amahera ku migambi muba mwatanze,ariko bikarangira mutayikoze bene yo bakayisubiza bakayajana ahandi,

Hari ibintu Umuntu w'umugabo ari muk'Ibanza nkiciwanyu adakwiye kuvuga!! Nyakubahwa,Ibihe Vyose amajambo ava mu kanwa Iwanyu kwama ari uguta ikuvyo ku bantu gusa,baba abo mukorana canke Abatavuga rumwe n'Umugambwe wanyu!! Kwerekana ko Pacifique tuzi ko ari Umuntu muto cane ko akubangamiye ni ikimenyetso gikomeye c'Intege nke Ufise!!!

Ibihe Vyose iyo wakoranije Abanyagihugu ntiturigera twumva Ijambo ritomoye ubabwiye, Ivyo baguteguriye sivyo Uvuga, utangura kubabwira Ubutumwa bwo muri Bibiliya kandi atarico Ujejwe, ivyo ababijejwe barahari mu Gihugu!!

Nyakubahwa Prezida,iwawe tuba dukeneye Message itubwira aho ugejeje gukora amabarabara, aho ugejeje kurwanya Ubukene mu Gihugu,aho ugejeje guteza imbere Igisirikare,Aho ugejeje mu kuzanira Imiti ikwiye abarwayi, aho ugejeje gukwiragiza Umuyagankuba mu Gihugu, n'ibindi. Ariko kwama Utubwira Ubutumwa bwo muri Bibiliya ni Ugusamaza Abarundi,no kwerekana ko ataco ugifise kindi wobabwira!!

Prezida, Wewe nturi Patiri,nturi Pasitori,nturi Shehe, Ivyo birekere benevyo, weee utubwire ibijanye n'Iterambere ry'Igihugu gusa,nivyo tugushakako!!

 

MBAZUMUDIMA Don de Dieu

Partager cet article !