Abanyagihugu bavuga ko batotakaza umwanya ngo bariko borora inkwamvu ngo zigiye kubakura mu bukene ngo kuko n’amasoko y'ibindi bintu nayonyene yabuze. Kuri bo, icobashimisha n'ukuronka intwaro irimwo indongozi zifise imigambi irashe
Isoko y'inyama z'inkwavu ziramutse zigwiriye isoko izobura nkuko n'iy'ibigori bitororokanirizwa mu kigo ANAGESSA yabuze. Ibizotuma amafranga y'agaciro umukuru w'igihugu avuga ko azova mw'igurishwa zizo nyama abura. Bivugwa na bamwe mu banyagihugu inyuma yaho bumviye ko inkwavu zavuye mu Bufaransa zigiye gutangura gutangwa mu borozi.
Mu bigo vy’Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ubworozi i Gitega, harabereye inama kuri uyu wa 10 Gitugutu 2025 yahuza abaserukira imigwi itandukanye ikorera mu bworozi bw’inkwavu. Ico gisata kigiye gutera intambwe mu kwakira ubwoko bushasha bw’inkwavu buvuye mu gihuyu c' ubufaransa.
Iyo nama yabaye inyuma yaho Umushikiranganji mushasha mu vyo ajejwe harimwo Ubworozi agendeye ku wa 09 Gitugutu 2025 iyororero ry’ishirahamwe Sungura Net riri muri komine Mugina. Akaba yariboneye ibikorwa vya Centre Naisseur Cunicole de Muyange: mu gihe ryakiriye mu mpera ya Nzero 2025 inkwavu 300 zivuye mu Bufaransa, ubu zimaze kuvyara inkwavu zirenga 4,000 zigizwe n’inkwavu z’inyama hamwe n’inkwavu mvyeyi.
Muri iyo nama, yari ihagarikiwe n’Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo Ubworozi, hari hatumiwe kandi n’ayandi mashirahamwe akorera mu gisata c’inkwavu nka koperative Mutoyi isanzwe ikora indya z’ibitungwa, ikaba yemeye gukorana n’iryo huriro ry’aborozi mu kubaha imfungurwa ku giciro kitavuna na Nobilis Pharma, ishirahamwe rikorera i Gihanga rikaba rirangura imiti y’ibitungwa yizewe iyikuye mu gihugu c’Ubuhorandi, ikaba yashikirije umugambi wayo wo gukwiragiza amashami yaryo hagati mu gihugu kugira imiti yegere aborozi b’inkwavu.
Inama yitabwe kandi n’ishirahamwe Kigega ryatangujwe na Paeej-Burundi, rikaba rishora ibihinguwe mu Burundi. Ryarahumurije aborozi ko ryiteguye kwakira inkwavu zose zizoba zikeneye kugurishwa nk’inyama. Ikigo PAEEJ naco nyene cari cishikiye muri iyo nama, kikaba gisanzwe gifashe mu mugongo ibikorwa vy’amashirahamwe SunguraNet na Kigega.
Rero bamwe mu banyagihugu bavuga ko batotakaza umwanya ngo bariko borora inkwamvu ngo zigiye kubakura mu bukene na rirya amasoko y'ibigori bigurwa na ANAGESSA yabuze inyuma y'igihugu, ay'ikawa n'ibindi bishorwa inyuma y'igihugu akaba yaragabanutse. Kuri bo, icobashimisha ngo n'ukuronka intwaro irimwo indongozi zifise imigambi irashe, iyihari ngo bayirambiwe kuko ataco babona iriko ibamarira uretse kubashikana mu bukene butagira izina.
Vyanditswe na Jeannette KAMIKAZI.