Uburundi butaronse umukuru w'igihugu yemera kwegeranya abana b'uburundi bose, ngo nta terambere rishoboka. Abarundi ngo bakwiye gufatana mu nda bashireho indongozi ifata kumwe abarundi bose, kugira igihugu kibone kwogorora
Umukuru w'igihugu yaraye akebuye indongozi azisaba kuba abasuku b'abanyagihugu, bababe hafi, babakundishe ibikorwa bongere bashira imbere ubumwe bwa bose. Aho yariko ashikiriza musitanteri wa komine Kayanza kuri uyu wa 18 Gitugutu 2025 ku kibuga c'inkino Gatwaro mu gisagara ca Kayanza, umukuru w'igihugu yashimikiye k'ugukunda ibikorwa, kugwanya ubunebwe kugira ngo abarundi bagwize umwimbu.
Mu mpanuro nyinshi zo kugwanya ubukene, Evariste Ndayishimiye yavuze ko ata butare buzosubira gushoka hanze y'igihugu abarundi batabizi.Kubwo ivyo ahamagarira abarundi kwitaho ibitegwa njabukamazi, ikawa, icayi, amavoka hamwe n'ubutare kugira ngo Uburundi buzoshikire imbonokazoza bwihaye nk'ihangiro rikomeye.
Abatari bake muri komine Kayanza baratangazwa n'ingene umukuru w'igihugu ahimiriza izindi ndongozi gushira imbere ubumwe bwa bose mu gihe ngo nawe arangwa no gutandukanya abarundi, bamwe akabakundwakaza abandi akabita abansi b'igihugu akanka gushira imbere ibiganiro ngo abahunze igihugu batahuke gufashanya n'abandi kwubaka igihugu cabo. Ngo birababaje ku bwabo banyagihugu kwumva umukuru w'igihugu asaba abandi gushira mu ngiro ivyo we adashoboye.
Mu gihe umwera uva iBukuru ugakwira hose, uburundi butaronse umukuru w'igihugu yemera kwegeranya abana b'uburundi bose nk'uko inkoko yegeranya imiswi yayo, uhuburundi n'abarundi ngo biracafise ingorane nini ituma ata terambere rishoboka. Basaba abarundi gufatana mu nda bashire imbere indongozi ifata kumwe abarundi bose, igihugu ngo kibone kwogorora.
Vyanditswe na Jeannette KAMIKAZI.