Rwa rumuri rw’itwa urwamahoro, ngo ni ubundi bukoloni CNDD-FDD yazanye bwo kwirukanga inyuma y'ibitagira ikimazi, nayo amafranga y'igihugu ahatikirira. Abarundi ngo boreka kuvyinira ibintazi ahubwo bashire imbere kurondera intwaro nziza
Ngo ntibariko baratahura ubukoloni buriko bukorwa na CNDD-FDD ikoresheje ikintu citwa urumuri kigatambirwa n'abakuru n'abato. Abanyagihugu bo muri komine Mpanda nibo batangazwa n' uko gutambira urumuri.
Kuri uyu wa Gatanu, igenekerezo rya 17 Gitugutu 2025, Urumuri rwitwa urw'amahoro rwashikanywe ahariko habera ibikorwa rusangi muri komine Mpanda y'intara ya Bujumbura. Ibikorwa rusangi vyari bihagarariwe n'intwararumuri bikaba vyabereye muri zone Buringa aho hashashwe isima ahariko harubakwa ivuriro.
Mw'ijambo ry'ikaze ryashikirijwe na Musitanteri wa komine Mpanda Léopold Ndayisaba, yashimiye Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye kuba yarabarungikiye igikemanyi c'isima. Akaba yamenyesheje ko Abanyagihugu bari ku kivi, agashima ko imbuto z'ibigori hamwe n'ifumbere bimaze kuboneka naho bidakwiye. Ku kijanye n'iterambere, Ndayisaba akaba yamenyesheje ko bihaye ihangiro ry'uko komine Mpanda itegerezwa kuba ikigega c'igihugu.
Nayo mw'ijambo ryashikirijwe n'umukuru w'intwararumuri Epipode Baranyikwa, yahamagariye indongozi kubera Umuco w'abo zirongoye mu kubatunganiriza no kubereka inzira iberekeza ku mbonakazoza y'Uburundi. Akaba yabasavye gukoresha ubwitonzi, ubukerebutsi n'ubushishozi mu vyo zikora vyose, nayo ngo uwuzoca inyuma y'amategeko ngo ntakabuza atazohanwa.
Ivyo bikorwa bikaba vyari vyitabiriwe n'indongozi zitandukanye harimwo n'uwutwara sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro Valentin Bagorikunda, Umuyobozi mw'ishikira mu biro vya Buramatari w'intara ya Bujumbura, Umukenguzamateka yatowe mu natara ya Bujumbura Léocadie Ndacayisaba, Abashingamateka ,n'izindi ndongozi zitandukanye.
Bamwe mu banyagihugu bakaba badashimishwa n' ivyo babona vyo kuvyinira urumuri, bamwe mu bategetsi mbere ngo bakavuga ko arirwo rumurikira ibikorwa. Babifata nk'ubukoloni ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwazanye mu banyagihugu ngo kugira birigwe barirukanga inyuma y'ibitagira ikimazi, amafranga y'igihugu nayo akahatikirira kandi igihugu gikenye vyinshi nk'itebe zibuze mu mashure n'ibindi yamara gutembereza urumuri ataco bifasha bigatwara amafranga yofashije mw'iterambere. Bahanura abarundi kwiyumvira babone kw'ivyo kuvyinira ibintazi atari vyo bizobakura mu bukene, bavyiyambure baheze bashire imbere intwaro ishira imbere ibikorwa igakuraho ibintu vyose bisamaza abarundi.
Vyanditswe na Aline MUNEZERO.