• Home
  • ACTUALITÉS
  • Bamwe n’abandi bavuga ko biteye isoni kubona umukenyezi Spès yari yatowe mu bajenama b'umutumba Ruvyagira muri komine Mugere, akurwa ku rutonde agasubirizwa Ndabadugaritse Stany

Bamwe n’abandi bavuga ko biteye isoni kubona umukenyezi Spès yari yatowe mu bajenama b'umutumba Ruvyagira muri komine Mugere, akurwa ku rutonde agasubirizwa Ndabadugaritse Stany

Bamwe mu bakenyererarugamba bo muri CNDD-FDD, bariyamiriza iyibwa ry'amajwi y'umukenyezi Spès yatowe mu bajenama b'umutumba Ruvyagira muri komine Mugere mu ntara ya Bujumbura aho yakuwe ku rutonde agasubirizwa n'uwundi munywanyi w’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, Ndabadugaritse Stany yahoze arongoye uwo mutumba. Ivyo bintu bakabona ko biteye isoni kandi ko biranamaramaje.

Abanyagihugu bo ku mutumba Ruvyagira muri kino gihe bakaba bari mu bwoba kubera uko batwawe. Mugihe bamwe muri abo bakenyererarugamba basaba abo banyagihugu gushira ubwoba, bakaza baravuga ibitagenda neza, abandi bakenyererarugamba bo basaba ko Spès yosubizwa ikibanza ciwe, ngo na cane cane ko Ndabadugaritse stany yashizwe murico kibanza ca Spès asanzwe ari n’umukozi w'Imana.

Abo bakenyererarugamba babandanya bashikiriza ko bamenyereye mu mugambwe CNDD-FDD bahinyanyura, ariko ngo bazohinyanyura batinde basimbire kw'isimbo ry'inuma. Umukenyererarugamba Spès ngo yarahohotewe, umukuru w’umurwi CENI ngo n'avyumve hamwe n'umukuru w'igihugu bagire ico bakoze. Bakabandanya kandi basaba abanyagihugu gushira ubwoba, indongozi zikora nabi bakazishengeza

Bamwe n'abandi mu bakwirikiranira hafi ibiba mu Burundi, bon go ntibatangazwa n'uko aba CNDD-FDD bibana amajwi hagati yabo, ngo kuko ubutegetsi bwa CNDD-FDD ngo busanzwe bwubakiye ku busuma kandi n'abategetsi ubwabo ngo bakaba basanzwe bazi ko bari mu bibanza bitari vyabo. Abarundi ngo ni bave hasi bashireho indongozi nyazo zishobora gutunganiriza abarundi.

Vyanditswe na MBAZUMUTIMA Don de Dieu.

Partager cet article !