• Home
  • ACTUALITÉS
  • Inyuma y’ibiziga bibandanya gutorwa hirya no hino mu gihugu, abanyagihugu ngo nibo bakwiye kuva hasi bagahagarika ubwicanyi bwabaye ndanse mu gihugu mugushiraho intwaro yitwararika umutekano w'abarundi bose

Inyuma y’ibiziga bibandanya gutorwa hirya no hino mu gihugu, abanyagihugu ngo nibo bakwiye kuva hasi bagahagarika ubwicanyi bwabaye ndanse mu gihugu mugushiraho intwaro yitwararika umutekano w'abarundi bose

 

Ibiziga bibandanya gutorwa biriko bituma abanyagihugu bibaza vyinshi ku ntwaro iri mu gihugu. Kuri uwu wa gatandatu w'uwa 25 Gitugutu 2025, kw'ibarabara rya kabiri ryo muri karitiye Magarama ku murwa mukuru wa politike, i Gitega, mu  gitondo, haratowe ikiziga ca Jeanine Niyonzima, w'imyaka 42. Amakuru ava i Gitega yemeza ko umuhisi yari aryamye ku muhana iwe.

Ayo makuru aranemezwa na Léandre Nzibarega, umukuru wa karitiye Magarama ariko akavuga ko uburyo uwo mukenyezi  yishwemwo butaramenyekana, amatohoza ariko araba kugira ngo hamenyekane icamwishe. Léandre avuga kandi ko hariho ibikwiye gukorerwako mu matohoza. Nyakwigendera ngo yari amaze imyaka 15 yahukanye. Akikeka ko kunywa inzoga zikaze bifatanye n'ubumuga bw'intandara ari vyo vyoba vyarahitanye Jeanine.

Ivyo ariko ntibihabwa ikibanza kinini n'abanyagihugu bo muri karitiye Magarama. Bamwe muri bo bakaba basaba amatohoza yigenga mu ntumbero yo gutanga umuco kuri ubwo bwicanyi, abandi nabo bakabona ko umutekano w'abanyagihugu udakwiye kandi hari inzego ziwushinzwe. Ngo kuba bama bumva abategetsi ubwicanyi nk'ubwo ataco bubabwiye ngo babuhagarike, abanyagihugu bose ngo nibo bakwiye kuva hasi bahagaruke ubwicanyi bwabaye ndanse mu gihugu mugushiraho intwaro yitwararika umutekano w'abarundi bose.

Tubamenyeshe ko ikiziga ca Jeanine Niyonzima gitowe inyuma y'imisi ibiri gusa hatowe ikiziga c'umukenyezi Irakoze Nadine w'imyaka 24 ku muhana iwe ku mutumba Zege, zone Nyamugari muri komine n'intara ya Gitega nyene. Hari kuwa 23 gitugutu 2025.

 

Vyanditswe na Jeannette KAMIKAZI.

Partager cet article !