• Home
  • ACTUALITÉS
  • Abanyagihugu baratangazwa no kubona igitoro kigiye gutangwa kukiyiko, kandi umukuru w’igihugu yavuze ko igitoro cuzuye mu bubiko mu gihugu. Bafata iyo mvugo ko ari ububeshi n’ubutekamutwe ngo yamara bizoteba bimutekurukane. kubwabo ngo abarundi bose bakw

Abanyagihugu baratangazwa no kubona igitoro kigiye gutangwa kukiyiko, kandi umukuru w’igihugu yavuze ko igitoro cuzuye mu bubiko mu gihugu. Bafata iyo mvugo ko ari ububeshi n’ubutekamutwe ngo yamara bizoteba bimutekurukane. kubwabo ngo abarundi bose bakw

Ishirahamwe SOPEBU rijejwe ivy'igitoro mu Burundi rimenyesha ko ryahinduye uko ryahora ritanga igitoro ku vyuma bigikenera ku bituro bita stations mu kinyamazuru hamwe n'ibitigiri vy'amaritiro buri cuma cemerewe kugura ku ndwi. Naho iryo shirahamwe ritamenyesha ku mugaragaro ibitigiri vy'amaritiro icuma cemerewe kunywesha ku ndwi, rimenyesha ko uwugura igitoro abicisha muri application Igitoro pass hama agashobora kuja kunywesha ku musi yabwiwe muri terefone ngendanwa yiwe aho umenyeshwa hisunzwe igiharuro canyuma kiri ku mparati y'icuma ciwe.

Kuva rero ku musi wa mbere gushika ku musi wa gatatu, ivyuma bifise imparati iherezwa n'igiharuro kiva ku busa gushika kuri kane nivyo bizonywesha gusa igitoro. Nayo kuva ku musi wa kane gushika ku musi w'Imana, ivyuma bifise imparati ziherezwa n'igiharuro kiva kuri gatanu gushika kw'icenda niho bizonywesha igitoro. Imbere yo gutanga igitoro, uwubijejwe ariwe pompiste mu kinyamazuru asabwa kubanza gusuzuma neza igitigiri c'amaritiro icuma cemerewe. Bikaba biri mw'itangazo uwurongoye SOPEBU, Ndayisenga Samuel yashize ahabona kuri uyu wa 27 Gitugutu 2025.

Biruko mu gihe yari aramutse kuri uyu wa kane w'indwi twaraye dusozereye igenekerezo rya 23 uku kwezi kw'icumi 2025 ashikiriza musitanteri mushasha wa komine Bugendana mu ntara ya Gitega, Melchiade Ciza, umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko igitoro cabanotse ari cinshi, abarundi akaba ari imburabugirire cane cane bene amastations babwirwa kuja gutora igitoro bakanka ngo nta mafranga bafise. Avuga ko babiterwa n'umutima mubi kuko bahora bacuruza igitoro bivye biciye muri magendo, n'ibindi.

Abatari bake bakaba bariko baratangazwa n'ingene igitoro mu Burundi catanguye gutangwa mu buryo nk'ubwo bavuga ko buruhije kandi rimwe mu ndwi mu gihe umukuru w'igihugu avuga ko igitoro cuzuye mu bubiko mu gihugu. Bafata iyo mvugo yiwe ko ari ububeshi ngo kuko igitoro kihari ku bwinshi nta mananiza yobamwo yo gutegekwa umusi mwene icuma akeneye igitoro azonywesherezako kandi rimwe gusa mu ndwi. Abo banyagihugu bavuga ko barambiwe n'ububeshi bw'abanyagihugu bagasaba abarundi bose kuja hamwe babogore igihugu cabibarutse ngo kigeze habi cane ku ntwaro ya CNDD-FDD.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !