• Home
  • ACTUALITÉS
  • Guhana gusa abivye ibiro 80 vy'ibigori, ngo ni uguhuma amaso abarundi n'amakungu mugihe hari ubusuma bukomeye bwirirwa burakorwa. Ahubwo igikwiye ng oni uguhaguruka bagahindura intwaro ya CNDD-FDD

Guhana gusa abivye ibiro 80 vy'ibigori, ngo ni uguhuma amaso abarundi n'amakungu mugihe hari ubusuma bukomeye bwirirwa burakorwa. Ahubwo igikwiye ng oni uguhaguruka bagahindura intwaro ya CNDD-FDD

Umukuru w'umutumba n'uwujejwe indimo ku mutumba Murama barafunzwe inyuma yo gufatanwa itonga banyuruje ibiro 80 vy'imbuto y'ibigori yo mu bwoko bwa PAN53 vyagenewe abanyagihugu. Kuva kuri uyu wa 25 Gitugutu 2025, bose uko ari babiri, bapfungiwe kuri komisariya y'igiporisi ya komine Muramvya intara ya Gitega . Iyo mbuto  y' ibigori bayifatanywe  bayipakiye kw'ipikipiki bayishoye mu kinywabi.

Nk'uko bishikirizwa n'abanyagihugu, ibijanye n'ubwo busuma vyamenyeshejwe n'abanyagihugu hakiri kare. Musitanteri wa Komine Muramvya Nkurunziza Éric, yemereye abanyagihugu arongoye ko yari asanzwe afise Kandi amakuru ava ku mutumba Murama  ko umukuru wawo be n'uwo ajejwe indimo bari basanzwe bakora amanyanga ameze nk'uko haba no kuri angeri.

Uwo Musitanteri rero, agashimira abanyagihugu  batanze amakuru ku mwanya. Agirako atera ivyatsi ingendo nk'iyo y'abajejwe intwaro bubahuka bakanyonyeza ivyagenewe abanyagihugu kandi aribo bari bajejwe kubafasha kubikingira. Kubwiwe rero ngo abo bafatanwe itonga bagiye guhanwa vy'akarorero.

Abanyagihugu b'i Muramvya barakenguruka ko abakoze ubwo busuma barimwo umukuru w'umutumba wa Murama bafatanywe itonga bakaba bagiye guhanwa. Ariko abo banyagihugu baranegura ukuntu indongozi zo hejuru y'umukuru w'umutumba mu gihugu cose no mu bisata bitandukanye zirirwa zirasahura itunga rinini ry'igihugu zidahanwa mu gihe arizo zigisha n'abandi kwiba nkuko zibikora.

Baragaruka ku karorero kamwe k'imiliyaridi zigera kuri 54 zari zigenewe kwubaka urugomero rwa Mpanda, umukuru w'igihugu mu misi ya mbere agishikira ubutegetsi ngo yigeze kubwira abarundi n'amakungu ko ayo mafranga igihugu kitazoyaheba, imyaka itanu ikaba irangiye bivuzwe, abayariye barazwi ariko bariraramiye.

Guhana gusa rero abivye ibiro 80 vy'ibigori, ku bwabo banyagihugu b'i Muramvya batashimye kuduha amajwi, ngo ni uguhuma amaso abarundi n'amakungu. Basaba abarundi bose gukanura bareke kuguma basamazwa n' intwaro ya cndd-fdd, bahaguruke bayihindure babone gukiza itunga ry'igihugu.

 

Vyanditswe na Aline MUNEZERO.

Partager cet article !