Bimwe mu bituma igitoro kiba umuzi w’ibuye mu Burundi, harimwo kuba Reta iza irihagira ibintu vy'abagwizatunga

Reta ikwiye kwemanga ko ikibazo c'igitoro cayigoye, cayinaniye kuko nta wutagorwa. Biri mu mwihwezo w'ishirahamwe PARCEM ku biheruka gushikirizwa ko igitoro ari cinshi mu bubiko ariko abafise ama station bakaba batariko barakirangura, ndetse no kw'ibura ry'igitoro muri rusangi, waraye ugiye ahabona kuri uyu wa 27 Gitugutu 2025. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe avuga ko bumvise bavuga yuko igitoro coba ari cinshi, ngo ba nyene ama station batagiye kukigura ngo kubera ata mahera bifitiye.
Kuri ivyo, ubwa mbere hoho ngo biragoye gutahura yuko abo bantu bokubaka ama station hanyuma bakabura amahera yo kuyashiramwo igitoro. Ahubwo abantu ngo bokwibaza ko uku kuntu igitoro kiguma gikenye ar'uko hari ama station akundwakaza gusumba ayandi. Ngo ni ikintu rero cokwitonderwa kikihwezwa neza. Kandi noneho ngo ba nyene ama station naho boba bafise ikibazo c'uburyo barashobora kwaka ama découvert mw'ibanki canke bagakotesha ayo ma station.
Uko biri kose uwubatse ikintu ntashobora kubura uburyo yokoresha ngo ayisubize. Kandi noneho naho Reta yovuga ko ishaka kubikora yo nyene, hariho ico bita partenariat public-privé. Mu gihe umunyagihugu canke umugwizatunga yubatse ikintu hanyuma Reta igashaka kugikoresha, haraba ico bita partenariat public-privé kuko uwo mugwizatunga na we aba afise ivyo yatanze kugira ngo yubake izo station.
Faustin Ndikumana abandanya avuga ko uko kuntu usanga Reta iza irihagira ibintu vy'abagwizatunga hatabaye iyo partenariat ari bibi cane kuko bica intege abagwizatunga, ngo ntibaba bakizanye imitahe yabo mu gihugu. N'abagwizatunga mvamakungu ivyo ngo barabiraba ko batagiye gukorera mu gihugu Reta yaho yihagira amatungo y'abanyagihugu.
Agahanura Reta kureka gufata ingingo zotuma n'abagwizatunga babona ko umenga uburundi ni igihugu kitagira ku mategeko. Kuko ngo nta ho vyanditse ko iyo hari station itariko irakora ko Reta ica ija kuyihariza. Ivyo ngo bishoboka mu gihe igihugu kiri mu ntambara hari ico bita état d'urgence, ngo ni ho Reta ishobora kwihagira ikibanza kanaka ku neza y'abanyagihugu.
Ku kibazo c'igitoro kimaze iminsi kiguma kivugwa, Faustin Ndikumana arongoye PARCEM avuga ko Reta ikwiye kwemanga ko biriko birayigora, ico kibazo kiriko kirayinanira mu gihe Abarundi bose bahanze amaso kuri ico kibazo mu kubona ubushobozi bwa Reta nshasha iheruka kujaho, ndetse n'ubushobozi bw'abarongoye igihugu.
Ati: nduguruye twa mugina. Twarabwiwe kenshi ko igitoro kiriko kiraza ariko turarindira turabura. Kubw'ico kibazo hakwiye gutunganywa inama yo kucigira hamwe n'ibindi, twese tugatumirwa kugira ngo tucigire hamwe, ayo ma station bavuga ko yanse kuja kugitora akisigura, ikinyoma kigakubitirwa ahashashe. Ndugaye twa mugina.
Bamwe n'abandi nabo bakaba babandanya gushikiriza ko reta ikomoka mu mugambwe CNDD-FDD ikwiye kuvanwaho n'abanyagihugu bareke kuguma babeshwa n'abategetsi umunota ku wundi.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









