• Home
  • ACTUALITÉS
  • Tugaruke kuvyagiye biraba muri kahise mu kwezi kwa gitugutu mu karere uburundi buherereyemwo

Tugaruke kuvyagiye biraba muri kahise mu kwezi kwa gitugutu mu karere uburundi buherereyemwo

Mu kubandanya tuvuga ivyabaye muri gitugutu mu karere, ni uko dushaka ko twoza turigishanya kandi no gutahura ko Uburundi atari izinga, ko ibibera iwacu canke mu karere bigira ingaruka nziza canke mbi muri politique no buzima bw'ibihugu mu karere.

Muri gitugutu umwaka w’1990 niho inkontanyi zatera intwaro ya Juvenal Havyarimana, inyuma y’imyaka itari mike bari mu buhungiro kuko bashaka gutaha iwabo mu Rwanda kandi bwari ubururenganzira bwabo.

Muti none bihuriye hehe n'Uburundi? Twibuke mu gihugu cacu twari dufise impuzi z'abanyarwanda kuva mu mwaka w’1959. Izo mpunzi n'uruvyaro rwabo nibo bafashe iyambere muri urwo rugamba rw'inkontanyi. Abafashije urugamba rw'inkontanyi ntibavuye i Burundi gusa. Bavuye Uganda, Congo, Tanzania n’ahandi. Turetse abanyarwanda baba i Burundi hariho n'abarundi bafashije mu rugamba rw'inkontanyi. Hari abatanze uburyo abandi batanga ubuzima eka n'ibindi.

Iyo ntambara y'inkontanyi yaheze mu mwaka w’1994. Harabaye ihonyambwoko mu Rwanda mu babikoze hari abahungiye mu karere n'Uburundi burimwo. Twibuke ko n'abarundi bagirizwa ko bakoze ihonyabwoko mu Rwanda. Twibuke ko na Ntaryamira yapfiriye mu Rwanda. Hariho n'ibindi vyabaye kuva gitugutu 1990 vyadusanze i Burundi canke vyatumye i Burundi hafatwa ingingo zitandukanye yaba muri politique, umutekano, imigenderanire yagati y'ibihugu vyacu n’ibindi.

Ibi turiko turayaga si icirwa ca kahise, ahubwo turabe bidukomeze mu kumenya ibiba mu karere, uko vyatanguye n'uko uno munsi bishobora kudutuma twiyumvira ico twokora kugire mu karere na cane cane iwacu harangwe amahoro arama n'iteka n'itekane ku barundi bose.

Uru rugamba rwo kwibohora turimwo rudusaba rwose kumenya ico nokwita « Géopolitique » kuko nayo ifise urahara mu bituma binyaruka canke biteba.

Mbega ni ikihe cirwa dukura mu biganiro benibi tuza turasangira ?

Iyo igihugu kidatunganijwe neza kizana umubabaro uwo nawo ugatuma inyishu abantu bayirondera biciye mu nguvu iyo izindi nzira zose zanse. Nivyo vyabaye mu Rwanda, inkontanyi zitera muri gitugutu 1990. Nivyo vyabaye kandi muri gitugutu 1996. Nivyo biriko biraba ubu mu Burundi kuko RED-Tabara nayo yafashe iyo nzira y'umuheto.

Ibihugu vyacu si izinga. Bivuga ko ibiba mu karere bigira ingaruka ku Burundi. Kandi ibiba mu Burundi bigira ingaruka no ku bihugu bibanyi. Uru rugamba rwacu hari mu karere abashobora kurwumva n'abandi barurwanya. Bisaba kumenya cane iyo mirwi yose kugire yose irutahure. Iki gikorwa si icabajejwe diplomatie gusa ahubwo buri mu nyagihugu, aba akenye kwitaho kumenya « Géopolitique ».

Twarize haraciye igihe ico twise «Fight and Talk». Yaba «Fight» canke «Talk» birasaba kumenya ibihugu mu karere ingene vyipanze. Reka ndabahe akarorero ka hafi. Nkubu abarundi barumvise ko M23 na Leta y’uburundi boba baravuganye mu kinyegero. Mu mwaka wa 2023 Ndayishimiye yarahuye na bantu bo muri «Institut Européen pour la paix». Bivuze iki ku vyerekeye ibibazo vyo mu burundi? Mbega abarundi barazi icavuyemwo? Hari ico bifasha canke vyica? Hari n'utundi tubazo twinshi umuntu yo kwibaza.

Nagire mpeze mvuga ko abarundi bakwiye kumenya cane ibiba mu karere kandi ko ari ibintu bihambaye gusangiza amakuru  abandi. Hanyuma abafise ibindi vyirwa mwabikuyemwo mwobidusangiza.

Turavye ivyabaye muri Zaïre, hamwe nomu Rwanda mumyaka yaza 90, usanga ahanini bifitaniye umuzi hamwe, n’urwimo u Burundi bwagiye buracamwo kuva bica umuganwa  Ludoviko Rwagasore, gushika naho abarundi  bagiriranira  amasezerano ya Arusha, vyongeye naya amarushwa yakataraboneka uburundi burimwo uno musi.

Urupfu rwa Patrice Lumumba hamwe n'abafasha biwe nka Maurice Mpolo, Joseph Okito, biri muri bimwe vyatumye  Laurent Desire Kabila na AFDL, bafashe iyambere muguhangana na MPR   ya  Mobutu mu mwaka w’ 1996.

Ivyo tubivuga kubera ko,  inyuma y’urupfu rwa Patrice Lumumba hamwe n'abafasha biwe, umugambwe MNC wari uhagarariwe na Lumumba inyuma ya la «table ronde de Bruxelles» en 1960, kandi akaba ariwo watumye Congo ishobora no kuronka intahe yokwikura bigoranye cane, kuko Léopold II yafata Congo nk'icibare ciwe se wiwe yari yaramuraze Léopolde I. Kandi MNC yaraburijwemwo cane n'abazungu, nkuko vyagenze k'umugambwe UPRONA na Rwagasore, abakongomani bongera bafata ukutariko ukwikukira bari baronkejwe na Lumumba, bivanye ahanini n'ububegito bwaranze Mobutu na MPR yiwe.

Munyuma haje kuvuka un mouvement armé ya MNC, yitwa les SIMBA, yari ihagariwe na Gaston Soumialot, hamwe na Laurent Desire Kabila  n’abandi, kuko baravyuye urugamba gushika naho Che Guevara yaje kubasha, ariko baherezwa gutsindwa, bongera barahunga mu bihugu bibanyi vya Congo (Tanzanie, Burundi, n’ibindi), eka n'umuvyeyi wa Nyako sabuni yari muri MNC, yaciye ahungira i Bujumbura mu Bwiza.

Inyuma y’akajagari kagiye karaba vyatumye Mobutu acafata ubutegetsi kandi aca yimika intwaro y'igitugu irangwa n'amabi menshi, gushika bamukure en mai 1997 par l'afdl de Laurent Desire Kabila (ancien Simba).

Mu Rwanda naho nuko vyose bitangura no mu gukuraho ubwami mu mwaka w’ 1959 bw'abanyiginya, hamwe n'ubwicanyi bwabaye mukwomora abatutsi ku butegetsi, bahereza kuza kwimika abahutu kunzego zikomeye zari zigize igihigu babifashijwemwo n’abasirikare bababirigi « les commondo belges », eka hamwe nuko kwikukira  yongeye, ikagereranywa comme c'était une révolution hutu, naho nyene  biri muri bimwe vyatumye havuka urugamba rw'inkotanyi en 1990.

 

Menya neza: mu myaka y’1960  hariho les forces onusiennes au Congo « ONUC »  nkuko tubibona uno musi  mu 2025, nka « MONUSCO ».

La géopolitique des années 60, 90, nuno musi en 2025, usanga umengo haruko bigenda bifitaniye isano, kuko hose murivyo bihe, usanga ibihugu vyinshi vyarisanze mu kajagari i Congo.

Ex: souvenez-vous l'intervention des militaires burundais en 1967, mu ntambara ya Jean Schramme  na Bob Denard à Bukavu. Harakenewe une génération izoza gukuraho, uburozi bubi twasigiwe n’abakoroni hamwe na  les colons au couleur national (Nos intellectuels alliés de l'occident).

 

Vivre libre ou mourir, nous vaincrons

 

 

Partager cet article !