• Home
  • ACTUALITÉS
  • Mubitumye icuka ca politike n’ibibazo biri mu Burundi, vyarananiranye gutorerwa umuti, harimwo no guhemuka kwaba n’abariya. Mwibuke ko guhemuka biha inguvu ubutegetsi bw’igikenye kandi bikabworohera gusambura abatavugarumwe n’abwo

Mubitumye icuka ca politike n’ibibazo biri mu Burundi, vyarananiranye gutorerwa umuti, harimwo no guhemuka kwaba n’abariya. Mwibuke ko guhemuka biha inguvu ubutegetsi bw’igikenye kandi bikabworohera gusambura abatavugarumwe n’abwo

Muti kuki uno munsi tugarutse kukuganira ibijanye no guhemuka. Ni uko muri les 3 défis d'un combattant de la liberté, harimwo ico bise « connaître ses faiblesses ». Aha tuza gushimika guhemuka mu bantu barwanya ubutegetsi bwa CNDD-FDD.

Mbe guhemuka bivuga iki?

  • Ubwa mbere ni guhemukira ivyiyumviro, inyifato canke imigambi yabo mu musangiye ibikorwa vyo kurwanya ubutegetsi bw’igikenye bwa CNDD-FDD. Akarorero nk'abantu baja mu matora bazi neza ko arimwo ubusuma baba bahemukiye ivyiyumviro bigenga imigambwe n’abatavugarumwe n’ubutegetsi barimwo ahubwo n'abanywanyi babo eka n'abarundi bose.
  • Ubwa kabiri hari nko kuvuga amabanga y'umugambwe urimwo. Kandundura niyo uciye ufasha mu bikorwa vyo gusambura uwo mugambwe wahoramwo. Ni bimwe mwumva biherera muri « Nyakurisation ». Ibaze hejuru ya Nyakurisation abahemuka gushika naho bicisha abo bahorana mu mugambwe.
  • Ubwa gatatu ni hamwe uza wumva bamwe mu bahora barwanya ubutegetsi, binjiye canke basubiye mu mugambwe CNDD-FDD bahora barwanya ata nsiguro ifashe iboneka, kiretse ubwo buhemu bwo kuba ba mpemuke ndamuke no kurondera utu na turiya.

 None muvyukuri guhemuka biva kuki na cane cane mu bantu barwanya ubutegetsi?

  • Ikintu nyamukuru gituma abantu bahemuka ni inyungu z'umuntu ku giti ciwe. Inyungu ziratandukanye hariho bamwe bashaka ibibanza muramaze kubibona cane cane iyo hagire habe amatora canke havuzwe ibiganiro ku bigire bibe.
  • Abandi ugasanga hari abashaka gutaha barambiwe n'ubuhungiro. Ni hamwe twibaza ico bari barahunze tukakibura.
  • Hari n'abandi usanga kubera ubukene canke amadeni bafise bahemuka kugire ngo barabe ko bokira ubukene. Hariho n'abandi babona ko bakwiye ikibanza c'imbere usanga bashobora gusambura ivyo barimwo.

Hariho n'ubundi buryo bwinshi busigura guhemuka muri politique kandi ivyo birafise ingaruka mbi na cane cane iyo muri mu migambwe canke amashirahamwe birwanya ubutegetsi. Mugabo nkabarundi bakunda igihugu guhemuka dukwiye kwama tubigira kirazira.

Uburorero ni bwinshi bwerekana ingene inyungu zituma bahemuka. Iyo rero hajemwo ukuboko kwo hanze y’igihugu, birushiriza kuba nabi. Kandi ukwo kuboko kwo hanze muri Afrika kwaratumye ibintu biyangara no muri kahise.

Dufate kandi akanya duhere ku ntwaro za cami, kuba koloni, ku ntwaro z'igisoda gushika nubu ku ntwaro zitwa ko ari demokarasi musanga twarahemukiranye kandi iyo ngeso idaheze abarundi turahona.

Hari imigambwe n’amashirahamwe bafise akarangamutima keza nkoramutima. Aho usanga bavuga bati : Nduguruye twamugina « aha turi hari abandi ejo hazoba hari abandi » ndugaye twamugina. Abarundi turakwiye kwirinda jewe jewe ahubwo tugashira imbere inyungu za twese. Izi ndangagaciro nizo kandi zirubaka kandi zituma guhemuka tubigira kirazira.

Mbega ni izihe ngaruka zo guhemuka ?

  • Guhemuka ubwa mbere bituma uwo mugambwe urimwo, iryo shirahamwe urimwo, canke ama koraniro y'imigambwe n’amashirahamwe bitakaza inguvu kuko kenshi bituma abanywanyi bavamwo, abandi bakicwa canke abandi bagahunga.
  • Guhemuka bituma ubwa kabiri hagati y'abarwanya ubutegetsi haba umwikekano. Ugasanga ibikorwa vyose bigenda bukebuke kubera icezere hagati yanyu ari gike.
  • Guhemuka bituma kandi n'abandi bari bipfuza gushigikira ibikorwa vyo guhindura ubutegetsi babangira. Iyo umugambwe canke isjhirahamwe urimwo abantu bahemutse canke muguma mwicamwo ibice bitanga isura ry'umugambwe canke ishirahamwe bifise inguvu nke kandi bukebuke bituma uwo mugambwe canke iryo shirahamwe bitakaza ico two kwita mu kinyamazuru « Alternative crédible pour remplacer le pouvoir du CNDD-FDD ». Kandi ico kintu gishikiriye mu banyamahanga biba bibi kurusha kuko burya n'inguvu ziva hanze ziraraba uko abashaka guhindura ubutegetsi bifata.
  • Guhemuka kandi bitanga inguvu ku butegetsi kandi bikabworohera gusambura imigambwe canke amashirahamwe arwanya ubutegetsi.
  • Guhemuka kandi bituma urugamba rwo kwibohora ruteba. Ibaze iyo ADC-Ikibiri iyo ata numwe ahemuka, ibaze CNARED iyo ikomera ntihagire abahemuka, ibaze iyo CEFOR-Arusha badacanamwo, ibaze iyo migambwe yose yabaye nyakurisé iyo iguma ikomeye, CNDD-FDD iba ibarizwa mu bitabu vya kahise. Ntayiba ikivurwa n’umuntu n’umwe mu burundi.

Hari n'izindi ngaruka nyinshi ariko ico bikoze ntidushobora guhindura kahise mugabo kazoza keza kubakwa mu gukosora amakosa hamwe nukubaka ico nokwitwa «Intamenwa» kizirana no guhemuka.

Dufate akanya rero twisuzume neza kandi twongere turabe iyo  igihugu cacu kiriko kiraja kubera guhemuka. Turabe kandi ingene inguvu z'abarwanya ubutegetsi zicika ubunywenywe canke zigabanuka kubera guhemuka. Naho bibabaje kubiyaga, ibi birakenewe kuko kuyaga aho turwaye bidutuma turondera umuti.

 

Vyahinyanyuwe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !