Birashoboka ko abanyagihugu ba Tanzaniya biyamiriza inkinamico y’amatora yatunganijwe n’umukuru w’igihugu Samia Suluhu Hassan, afatanije n’umugambwe uri ku butegetsi CCM « Chama Cha Mapinduzi », hakaboneka impinduka ?

Ntawuzi ko bagira bahaguruke barwanire ko haba impinduka mu gihugu ca Tanzaniya, ariko ico bikoze, Imyiyerekano yo kwiyamiriza inkinamico y’amatora yatunganijwe n’umukuru w’igihugu Samia Suluhu Hassan akomoka mu mugambwe uri ku butegetsi CCM « Chama Cha Mapinduzi », umaze imyaka n’imyaniko kubutegetsi, yamaze gutangura mu bice bitandukanye vy’umurwa mukuru Dar es Salaam no mubindi bisagara vy’igihugu ca Tanzaniya.
Ivyo biriko biraba gutyo, mugihe Abanyagihugu ba Tanzania bari bazindukiye murivyo vyitwa matora yari ategekanijwe kuri uyu wa 29 Gitugutu 2025. Ni amatora imigambwe yose itavugarumwe n’uwuri kubutegetsi, nka CHADEMA, ititabiriye, kuko bobo bemeza ko ari amatora adatunganijwe neza kuko akumira abatavugarumwe n’ubutegetsi. Sivyo gusa, abatavugarumwe n’ubutegetsi, bavuga ko hakenewe ko haba impinduka mu nteguro z'ayo matora kuko integuro ihasanzwe igamije kwegurira ubutegetsi umugambwe uri ku butegetsi, CCM « Chama Cha Mapinduzi », na cane cane kwegurira intsinzi umukuru w’igihugu Samia Suluhu Hassan.
Naho rero hirya no hino imigambwe itavugarumwe n’uwuri kubutegetsi, yari imaze igihe yitegurira imyiyerekano yo kwiyamiriza ayo matora, igipolisi cari camenyesheje ko kitazokwihanganira abantu bose bazokora imyiyerekano. Ivyo bikaba vyari vyaraye bitangajwe ni Icegera c'umukuru w'igipolisi DCP David Misime. Nkuko rero vyari vyaraye bitangajwe, muri kano kanya Igipolisi ca Tanzaniya, kiriko kiragerageza kurwana no kwirukana abanyagihugu bamaze gutangura imyiyerekano nkuko bari babiteguye, kikaba kiriko kirakoresha vya vyuka bikoroza amosozi bikaryana mu maso mu gusanzaza imirwi y’abariko barakora iyo myiyerekano.
Ninkuru tuguma dukwirikirana.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









