Kuba umubonano wobaye hagati y’umukuru w’igihugu c’urwanda n’umukuru w’igihugu c’uburundi, bahujwe n’umukuru w’igihugu c’Ubufarasa, bitakunze ko uzoshoboka, n’ikimwe muvyatumye Evariste Ndayishimiye, ahagarika urugendo yari kugira mu Bufaransa

Umukuru w’igihugu c’uburundi, ntarugendo yafashe rumushikana i Paris mu gihugu cu Ubufaransa, nkuko vyari bitegekanijwe ko azokwitaba inama yiga ku bibazo vy’umutekano muke birangwa muri Repubulika iharanira intwaro Rusangi ya Congo no mu karere. Ahubwo bitegekanijwe ko ku musi wejo igenekerezo rya 30 Gitugutu 2025, umukuru w’igihugu azoba yagiye muri Komine Nyanza mu ntara ya Burunga, gushikiriza Musitanteri mushasha wiyo Komine.
Inyuma yaho bimenyekaniye ku mugoroba wejo haheze, ko ibikenewe vyose vyari vyateguwe kugira ngo umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye, afate urugendo rumushikana i Paris mu gihugu cu Ubufaransa, aho yari kuba yitavye inama yiga ku bibazo vy’umutekano muke birangwa muri Repubulika iharanira intwaro Rusangi ya Congo no mu karere, hanyuma agasiba kumunota wanyuma, twahavuye tumenya ko vyukuri urwo rugendo atarufashe.
Kuva rero umukuru w’igihugu c’uburundi asibije urwo rugendo, ibihuha vyarabaye vyinshi cane. Bamwe bakavuga ko yoba yagiye mu Bufaransa mu kinyegero, abandi nabo bakavuga ko yoba yasivye kubera ko hari umurwi wabasirikare bakuru bakuru boba bari bateguye kumutembagaza kubutegetsi, mugihe hari n’abandi nabo bavuga ko uwahoze ari umushikiranganji wambere Alain Guillaume Bunyoni, ngo yoba yitavye Imana, ngo bigaheza bigatuma Evariste Ndayishimiye atinya inkwirikizi z’urupfu rwiwe.
Amakuru rero uruganda rwa Radio Haguruka rwashoboye kuronka ariko ruriko rurabandanya gukwirikirana, ni uko kuba umubonano wari utegekanijwe hagati y’umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame n’umukuru w’igihugu c’uburundi, bahujwe n’umukuru w’igihugu c’Ubufarasa Emmanuel Macron, bitakunze ko uzoshoboka, n’ikimwe muvyatumye Evariste Ndayishimiye, ahagarika urugendo yari kugira mu Bufaransa. Bikavurwa ko uwo mubonano wobaye mu ntumbero yo kurondera ingene imigenderanire y’uburundi n’urwanda yosubira kunagurwa, ivyo bihugu vyose bibifashijwemwo n’igihugu c’Ubufaransa. Hakaba hataramenyekana icatumye uwo mubonano uhagarikwa ku munota wanyuma.
Mwomenyako, bitegekanijwe ko ku musi wejo igenekerezo rya 30 Gitugutu 2025, umukuru w’igihugu azoba yagiye muri Komine Nyanza mu ntara ya Burunga, gushikiriza Musitanteri mushasha wiyo Komine. Ibirori bikaba bitegekanijwe kuzotangura igihe c’isaha zibiri zo mu gitondo (8h00), bikazobera ku kibuga c’umupira wa maguru kiri ku murwa mukuru wa Komine Nyanza nkuko vyamenyeshejwe na Musitanteri wiyo Komine, Diomede DUSENGIMANA.
Amakur yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









