• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umukuru w’igihugu c’uburundi, afise umugambi wo kugandagura Faustin Ndikumana. Abanyagihugu bo mu mihingo itandukanye, baragabisha umukuru w’igihugu ko atohirahira ngo akore iryo shano

Umukuru w’igihugu c’uburundi, afise umugambi wo kugandagura Faustin Ndikumana. Abanyagihugu bo mu mihingo itandukanye, baragabisha umukuru w’igihugu ko atohirahira ngo akore iryo shano

 

 

Hariko harategurwa umugambi wo kunyuruza no kugandagura Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM. N'inyuma yaho umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye amutukiye amajambo bose bavuga ko ateye isoni adakwiye kuva mu kanwa k'umukuru w'igihugu.

Ivyo bitutsi yabivugiye muri komine Matongo y'intara ya Butanyerera ku musi wa gatatu w'indwi twaraye dusozereye, igenekerezo rya 05 Munyonyo 2025. Mu gihe yari aramutse ashikiriza musitanteri mushasha w'iyo komine, Janvière Kanyana. Tukaba twarabigarutseko mu makuru yacu yo ku musi wa gatandatu w'indwi iheze nyene. 

Inyuma rero yo kugaragaza mu bantu iryo shavu rifitiwe Uwurongoye ishirahamwe PARCEM, amakuru ava muri bamwe mu begereye umukuru w'igihugu avuga ko iperereza ryamaze guhabwa itegeko ryo gutegura inyuruzwa n'igandagurwa rya Faustin Ndikumana, yari amaze iminsi ashikiriza ibitagenda neza mu Burundi, bituma uburundi budashobora gutera imbere.  

Abahaye ayo makuru Radio Haguruka, bakaba biyamirije bivuye inyuma uwo mugambi ugayitse wo gucisha ku buhomba umunyagihugu arajwe ishinga n'uko igihugu c'uburundi cotera imbere, yubahuka agashikiriza ibitagenda neza mu gihugu ku mugaragaro. Prezida Ndayishimiye hamwe nabo bategurana uwo mugambi bamenyesha ko uramutse ushizwe mu ngiro, bazowubazwa intahe niyafata ijambo mu Burundi. Nayo abarundi babasaba kurikanura ngo kuko intwaro y'igikenye ya Ndayishimiye isa n'iyibageramiye bose, ico kubateza imbere coco ngo bacibagirwe, bayiyambure itarabamarira kw'icumu.

Tubibutse ko iyo ntwaro imaze guhitana ubuzima bw'abarundi benshi. Intwaro ya cndd-fdd nyene iramaze guhitana n'abari mu mashirahamwe yigenga batari bake barimwo Ernest Manirumva yahoze arongoye ishirahamwe OLUCOME yagandaguwe mu mwaka w'2009 ahowe ko yariko aragira amatohoza ku birwanisho vyariko biragurwa na reta ikomoka muri uwo mugambwe ntibishike mu bubiko, bikavugwa ko vyaca birungikirwa abarwanyi ba FDLR bari mu gihugu kibanyi ca Congo.

 Vyanditswe na MBAZUMUTIMA Don de Dieu.

 

Partager cet article !