• Home
  • ACTUALITÉS
  • Iryavuzwe ryoba rigira ritahe ko abanyagihugu bahaye amafaranga, uwitwa Fablice Manirakiza, arongoye Ubaka Nation Group, banyarwa urukombamazi nkuko vyari vyaravuzwe n’Umuvugizi w'umugambwe MSD, Epithace Nshimirimana ?

Iryavuzwe ryoba rigira ritahe ko abanyagihugu bahaye amafaranga, uwitwa Fablice Manirakiza, arongoye Ubaka Nation Group, banyarwa urukombamazi nkuko vyari vyaravuzwe n’Umuvugizi w'umugambwe MSD, Epithace Nshimirimana ?

Hagiye gushirwaho ishirahamwe rishasha ryo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura yahiye igatokombera mu mwaka w'2013 aho abatari bake bagiye berekana ko iyo soko yafatwa nk'ikigega c'igihugu yaturiwe n' ubutegetsi bwa cndd-fdd ngo bikunde  ikibanza yahoramwo cigarurirwe na bamwe mu bategetsi bo muri uyo mugambwe.

Kuri uyu wa 11 Munyonyo, umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yaragize inama n’abarongoye ishirahamwe Ubaka Nation Group ryari ryaronkejwe uruhusha rwo gutunganya neza ikibanza cahoramwo isoko nkuru ya Bujumbura.

Iyo nama yari yitabiriwe kandi n’Abashikiranganji babiri: umushikiranganji w’ikigega ca Reta hamwe n’uwujejwe inyubako za Reta. Mu vyo baganiriye, harimwo gushinga ishirahamwe rihuriramwo Reta n’abigenga rizozezwa kwubaka iyo soko.

Tubibutse ko ku wa 17 Ruheshi 2025, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru mu kibanza c’ahahoze isoko ya Bujumbura, Fablice Manirakiza arongoye Ubuka Nation Group, yamenyesheje ko bamaze gukoresha imiriyaridi zibiri z’amarundi mu bikorwa bijanye n’amasezerano ya mbere bari bemerewe harimwo gutegura ikibanza nko kubomagura ibisigarira vyahitanwe n'umuriro, gupima isi, kugira igicapo n'ishusho y'ingene isoko izoba imeze, kwiga uburyo buzokoreshwa no kwiga kuzokoresha ubukomezi kugira zizobe inyubakwa z'igihe kirekire, gukingira impanuka zoba mw'ico kibanza nk'umuriro na za nyamugigima hamwe no kumenyekanisha ico gikorwa.

Tubibutse kandi ko  ivyo bikorwa vy'ibanze vyari vyuguruwe icese n'umushikiranganji w'inyubako w’ico gihe Dieudonné Dukundane, kw'igenekerezo rya 16 Nyakanga 2024.

Nkuko rero bacumva ivy'uwo mugambi wo kwubaka mu kibanza cahozemwo isoko nkuru ya Bujumbura hamwe n' amajambo yashikirizwa na Fablice Manirakiza arongoye ishirahamwe Ubaka Nation Group ryavuga ko ryahawe uruhusha rwo kwubaka muri ico kibanza , mu mugambwe MSD baraburiye abarundi ngo bareke kwemera kwibwa babona mukubwirwa ko botanga imitahe yabo mukwubaka irindi soko muri ico kibanza. Ayo majwi Epithace Nshimirimana, akaba yari yayahaye Radio Haguruka ku wa 25 Nyakanga mu mwaka w'2024 abashoboye mbere gukurikirana amakuru yacu y'uwo musi baramwumvise.

Ico gihe Umuvugizi w'umugambwe MSD yamenyesheje ko ahubwo ari umwanya mwiza ko abarundi baja hamwe bafatane mu nda bahaguruke barwanye akagwi k'abasuma bafise ubutegetsi bukomoka ku mugambwe CNDD-FDD. 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !