• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umuhari Red-Tabara urabeshuza wivuye inyuma ibiherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye

Umuhari Red-Tabara urabeshuza wivuye inyuma ibiherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye

 

Kuri uyu musi igenekerezo rya 29 Nzero 2026, umuhari Red-Tabara wiyemeje guhangana na Reta y’uburundi ukoresheje ibirwanisho, wasohoye urwandiko wiyamiriza ibiherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ko ari ibinyoma vy’indengakamere.

Nkuko tubisoma muri urwo rwandiko rwateweko umukono na Patrick Nahimana umuvugizi w »abasirikare ba Red-Tabara, bamenyesha ko amajambo Ndayishimiye yavugiye kuri televiziyo yigihugu ca Kongo kwigenekerezo rya 17 Nzero 2026, ko ari ibinyoma vyambaye ubusa. Ayo majambo nayo akaba yari yo muri ico kiganiro yahaye umukenyezi Harianna Veras Victoria, umukuru w’igihugu akaba yatangaje ko  umuhari Red-Tabara ngo ari igikoresho u Rwanda ruha inyigisho za gisirikare hagamijwe kugaba ibitero ku gihugu c’u Burundi.

Umuhari Red-Tabara ugatangaza ko atakintu nakimwe ufitaniyeko imigenderanire nigihugu c' u Rwanda. Uwo umuhari ukongerako ko Ndayishimiye atangaza ibinyoma nibigirankana abizi ko atari ukuri. Red-Tabara iributsa ingene igenekerezo rya 30 Mukakaro 2021  u Rwanda rwashikirije uBurundi abarwanyi 19 ba Red-Tabara bafatiwe mwishamba rya Nyungwe ryurwanda bazimiye. Umuhari Red-Tabara ukabaza nimba Urwanda rwoshobora gufasha RED-Tabara kandi bizwi ko ruguma ruganira n’Uburundi kugira rukemure amatati ari hagati yabo?

Red-Tabara irabeshuza ivyo Ndayishimiye avuga ko uyo umuhari ugizwe nabashatse guhirika ubutegetsi muri 2015. Uwo muhari ukavuga ko abahiritse ubutegetsi muri 2015 bari abasirikare bari basanzwe ku mirimo mu gisoda c'uBurundi (FDN). Red-Tabara ikabaza ingene ifatanywa na kudeta yo muri 2015 kandi uwo muhari watanguje urugamba rwishamba mu ntango za 2011. Red-Tabara ikavuga ko ataho ihuriye na kudeta yo muri 2015.

Red-Tabara iranahakana ukugene Ndayishimiye abesha ko ihabwa imyitozo na M23. Uwo muhari ukabeshuza uvuga ko wavutse imbere yivuka rya M23 gutyo ngo ntaho bahuriye kuko Red-Tabara yabonye izuba mu ntango za 2011 M23 nayo mugihe yatanguye muri 2012.

Red-Tabara iragaruka ku majambo ya Ndayishimiye avuga ko mu gihe co guhagarika ibirwanisho bazosobanura abarundi, abakongomani nabanyarwanda mu mirwi irwana. Red-Tabara ikibutsa ko ico gikorwa kitayerekeye kuko ivyo barwanira bizwi. Aha uyo muhari ukibutsa ko urwanira itunganywa ryamatora arimwo demokarasi, ubwigenge, adakumira kandi aciye mu muco.

Red-Tabara mukurangiza urwo rwandiko rwabo, isobanura ko Ndayishimiye yitwaza ivyo binyoma vyo gufatanya Red-Tabara n' u Rwanda kugirango asamaze amakungu kwihonyangwa ryamasezerano ya Arusha. Red-Tabara igaheraheza isaba ko Ndayishimiye atobandanya kwica amatwi ku nzira yibiganiro hagati yimihari, imigambwe n’amashirahamwe yigenga kugirango hatunganywe amatora meza.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !