• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare c’uburundi, amenyesha ko Umusirikare wese atunze urupapuro rw’inzira rushobora gutuma asohoka igihugu, aba ariko arikwegera akaga

Umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare c’uburundi, amenyesha ko Umusirikare wese atunze urupapuro rw’inzira rushobora gutuma asohoka igihugu, aba ariko arikwegera akaga

 

Nkuko tubisanga mu rwandiko rwateweko umukono na Jenerare Prime Niyongabo, Umukuru w'ibiro bikuru vy’igisirikare c'Uburundi, amenyesha abasirikare bose ko ata musirikare n'umwe arekuriwe gutunga canke gusaba ku gatwe kiwe urupapuro rw'inzira urwo ari rwo rwose rumufasha gusohoka igihugu. Akavuga ata musirikare yemerewe kuronderera canke gutunga pasiporo ku gatwe kiwe. Mbere n’Abazifise babwirizwa kuzitanga hatarenze ku wa 10 Ruhuhuma 2026.

Muri urwo rwandiko ibiro bikuru vya Gisirikare vyarungikiye abakozi bavyo hamwe n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, bavuga ko urupapuro rw'inzira rwemewe iyo umusirikare bibaye ngombwa ko asohoka igihugu ari urupapuro rw’inzira rwakazi, pasiporo y'akazi (passeport de service). Yamara ngo iyo nayo uwo musirikare ayisabirwa n'inzego za Gisirikare zibijejwe.

Babandanya bamenyesha ko kugira umusirikare akenera pasiporo canke urupapuro rw’inzira rumufasha gusohoka igihugu, akorosheje urupapuro rw’inzira rusanzwe, ngo haba hari imvo zidasanzwe zituma asohoka igihugu agiye mu vyiwe. Ariko nahonyene ngo muri ico gihe, abanza kubisabira uruhusha hama za nzego zibijejwe zibonye ko bikwiriye akaba ari zo ziyimusabira mu Giporisi kijejwe kuraba abasohoka n’abinjira zigatanga nizo mpapuro #PAFE.

Muri urwo rwandiko rwa Jenerari Prime Niyongabo arongoye ibiro bikuru vya Gisirikare, ategeka ko umusirikare wese yoba afise pasiporo isanzwe canke urundi rupapuro rw'inzira urwo ari rwo rwose rumurekurira gusohoka igihugu, ngo yorubisubiza hatarenze ku wa 10 Ruhuhuma 2026. Nayo ngo uworenga kuri ivyo vyose aba ariko arikwegera akaga n‘ibihano bitegekanijwe n'amategeko.

Vyanditswe na Ninette Nancy MUTONI.

Partager cet article !