Turabandanya nayankuru y‘inyuruzwa rya Etienne Ndayitwayeko yahoze ari umunyamabanga nshingwabikorwa wa komine Buraza mu ndinganizo ya kera, aho Umunyabanga wa CNDD-FDD muri komine Gishubi ari mu bategetsi bagirizwa inyuruzwa ryiwe ku wa 06 Nzero uyu mwak

Ntawukirishiga Charles arongoye umugambwe CNDD-FDD muri Komine Gishubi y'intara ya Gitega yakoresheje inama muri zone Butezi, izone ivukamwo Filipo Congera abwira abanywanyi ba CNDD-FDD ko imisi yose hazoba inama, Congera Philippe yahora atwara CNDD-FDD muri Komine Buraza ategerezwa kwama yicaye impande y'uwugirisha inama.
Charles atwara CNDD-FDD muri Komine Gishubi abwira ico gihe Filipo ati : nduguruye twa mugina. «Wewe Philippe uri umugabo kandi abakwanka bose tugiye kubereka ko bikunda». ndugaye twa mugina. Muri iyo nama, Etienne Ndayitwayeko niwe yari yaserukiye Musitanteri wa Buraza. Ahawe ijambo nawe ati : nduguruye twa mugina. «Nyakwubahwa Munyamabanga, Philippe ni umugabo ariko azoba umugabo nya mugabo niyaheba kuvugana na RPA ivyo ambeshera, agaheba ubusuma agasaba ikigongwe n'abo yivye kuko mwabonye ko mubivuze baciye bimyoza, turamukunda kandi aho mwategetse ko yicara azoguma ahicara». ndugaye twa mugina. abanywanyi ba CNDD-FDD i Buraza babona ko aho ariho hahagaze umugambi mubi wateguriwe Etienne Ndayitwayeko aherutse kuburwa irengero.
Guhera ico gihe, Ntawukirishiga Charles arongoye CNDD-FDD muri komine Gishubi mu ntara ya Gitega ntiyasubiriye kuramutsa Etienne Ndayitwayeko mu minwe, ntaco bari bakivugana.
Abagumyabanga ba CNDD-FDD i Buraza bamenyesha ko naho uba wanka urukwavu uravuga ko ruzi kwiruka. ku bwabo, Etienne Ndayitwayeko ngo yari umuntu akerebutse cane, atwenza gose, yarazi cane ivyo kurondera amajwi, mugutambisha abanyagihugu batobato, icatuma aguma aboneka imbere y'abantu kenshi no mu misi mikuru ariko ngo akaba yankwa urunuka na Ntawukirishiga Charles arongoye CNDD-FDD muri Komine Gishubi.
Tubibutse ko abanywanyi ba CNDD-FDD i Buraza bari baraye basavye abarundi bose kuja hamwe bikureko intwaro ya CNDD-FDD ngo kuko igihe babakurikira batari bazi ko bakurikiye abicanyi.
Mu makuru azokwirikira tuzobabwira bamwe mu bategetsi bo muri CNDD-FDD bakoranye na Charles Ntawukirishiga atwara CNDD-FDD muri Komine Gishubi umugambi wo kugandagura Etienne Ndayitwayeko ku musi mukuru wa Noweli mu mwaka uheze wa 2025, ariko uwo musi Imana igakinga.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









