Patiri Amando Kana, wo mu kigo ca Foyer de Charité de Bujumbura yitavye Imana ahitanywe n’ingwara
Patiri Amando Kana, yari yari asanzwe arangurira ubutumwa mu kigo ca Foyer de Charité c’i Bujumbura aho yari amaze ikiringo kitari gito, yakundwa n'abantu isinzi kandi bo mu mirwi itandukanye. Uyu mukozi w’Imana, baba abakatolika eka mbere n'abatari bo, Abarundi n'abanyamahanga, bose bahimbarwa n'inyigisho ziwe.
Uyu mupatiri yari asigaye atunganya ibikorane n'amasengesho bitandukanye bigaheza bikabera muri ico kigo. Inyigisho yatanga zanyura amatwi n'imutima vyabahora bitaba ayo makoraniro n’ibikorane vyiwe.
Yitavye Imana mugihe yari amaze igihe kinini agwaye. Abantu bakaba bamuheruka mu masengesho yo mw'ijoro rya Bonane, amasengesho yo gusozera uyu mwaka wa 2025 twaraye turangije. Muri ayo masengesho yari yitabiriwe n'isinzi ry'abantu benshi cane, Patiri Amando Kana yagaragaye akanya gatoya cane aca asubira kuruhuka kubera amagara yari amukitse.
Turahojeje umuryango w’iwe wamaraso, n’umuryango wa Ekereziya Katolika, hamwe n'abantu bose bamukunda bagakunda n’ubutumwa yashikiriza.
Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









