Hari Umukozi w'ishirahamwe SOSUMO, ariko aratabaza umuntu wese yoba akunda iryo shirahamwe, harimwo n’abakozi baryo, gukora ibishoboka vyose, bagasaba ibintu nyamukuru bitatu (3) birimwo kuburizamwo iyugarwa rya SOSUMO

Nkuko biboneka mu rwandiko rwateweko umukono n’umuntu avuga ko ari umukozi w’ishirahamwe Sosumo, ariko atavuze amaziuna yiwe, urwandiko Radiyo Haguruka ifitiye ikopi, uyo mukozi avuga ko imvo yurwo rwandiko rwiwe, ngwari ugusaba ko isekeza (campagne) ryo guhingura isukari ry'umwaka wa 2026 ryotegurwa, akongera agasaba kuburizamwo iyugarwa ry'Ishirahamwe SOSUMO, hamwe rero nikindi cagatatu ari naco canyuma cerekeye gusaba ko ingingo zimwe zimwe zifatwa n’ubuyobozi bw’iryo shirahamwe, ko zohora zibanza kwigwako neza.
Yandika urwandiko rwiwe, uwo mukozi atabariza ishirahamwe SOSUMO irihingura isukarri, yagize ati ; Kuri Nyakwubahwa Umuyobozi Mukuru w'Ishirahamwe SOSUMO, ati Ndi n'iteka ryo kubandikira ndabasaba ko mwokoresha ububasha mufise kugira isekeza ryo guhingura isukari umwaka wa 2026 rizobe, mwongere muburizemwo iyugarwa ry'Ishirahamwe SOSUMO.
Asa nuwutanga insiguro, uwo munyagihugu yabandanije avuga ati ; Mu bisanzwe jewe ndi umukozi umwe mu bakozi b'ishirahamwe. Nkuko nama nkurikiranira hafi ibibera muri iri Shirahamwe ryacu, mbere akaba atari irya mbere nandikiye Umuyobozi mukuru, n'uyu munsi nipfuje kubandikira kugira mugira ico mukoze kuko ivyo turiko turabona biteye ubwoba tukaba tudatahura ivyarivyo.
Nkuko biboneka muri urwo rwandiko rwiwe, uwo munyagihugu avuga ko ikintu cambere catumye afata ingingo yo kwandikira ubwo buyobozi bw’ishirahamwe SOSUMO, ngo ni ugusaba ko isekeza ryo guhingura isukari ry'umwaka wa 2026 ryotegurwa rikazobaho. Kubwiwe, yibutsa Umuyobozi Mukuru wa SOSUMO, ko abakozi ngo bihweje igihe aho kigeze, ngo bakabona ingene integuro ya campagne 2026 iriko iragenda, ngo barabona neza ko ata mugambi uhari wo gukora campagne ya 2026.
Uwo munyagihugu aradondagura ibimenyetso vyerekana ko ata mugambi wo gukora campagne 2026 uhari;
Nkuko bisigurwa nuyo munyagihugu, ngo ikintu cambere cerekana atanteguro yuko hazoba iyo campagne, ngo ni ukubura ibikoresho vyo gutegura campagne. Akibutsa Umuyobozi ko naho asanzwe akorera mu gisata atari ica Usine canke Agriculture, ngo ibiba arabibona ibindi akavyumva. Yongeye aramwibutsa ko igihe yahabwa amabanga yo kurongora iryo Shirahamwe, ngo bari biteze ko Ishirahamwe rigiye gutera imbere rikogorora mbere n'igihugu kikahatorera akoyoko. Ariko ngo ubu abakozi ngo batanguye kugira ubwoba kuko babona ata bikoresho biriko biragurwa kugira babone ingene botegura campagne ya 2026.
Uwo mukozi yemeza kandi ko mu matohoza yagize mbere ngo akaba yarafashe n'akanya ko kugera muri Usine akavyibonera, ngo barashoboye kumwereka ibikoresho vyinshi bibuze kandi vy'inkora mutima bishobora gutuma campagne ya 2026 itaba. Avuga kandi ko yabandanije akarondera amakuru ngo agaheza agasanga ama dossiers menshi ajanye no kugura ibikoresho adatera imbere hari nayamara amezi n'amezi azunguruka akaruha agata igihe.
Ngo n’ubwo hari ururirimbo ruharawe ruvuga ngo « Nta ma devise », uwo mukozi wa SOSUMU avuga ko we co kimwe n’abandi bakozi ngo uru ru ririmbo batarwemera ngo kuko mu misi iheze ibikorwa vyarahagaze kubera kubura ama disques à couper, ngo hari n’imisi abakozi babuze ama chiffons ngo mugihe kandi ivyo vyose naho umuntu yogenda mu Giswahili i GIHOFI ngo ashobora kubironka kandi bizimbutse. Ivyo vyose rero ngo vyerekana ko hariho ugushaka guke kugira campagne ntizobe canke izogende nabi.
Kubwuyo mukozi wa SOSUMO, aribaza nimba igisata ca Agriculture coba kigiye ishirahamwe SOSUMO. Aributsa umuyobozi mukuru ko kuva yaza kurongora iri shirahamwe, ngo ibiba muri Agriculture uwomuyobozi nawe ngo aravyibonera bimwebimwe ngo kuko no mu ma nama amwamwe yagiye arashikiriza ibiberayo bisubiza inyuma Ishirahamwe. Ngo umuntu atembereye muri iyo mirima, ngo arabona ko igikaju kiriko kirahona mbere ngo uvuganye n'aba agronomes baravuga neza ko ata gikozwe vuba bwango Ishirahamwe rishobora kwugara.
Uyo mukozi wa SOSUMO, yibutsa ko n'igihe umukuru w'igihugu aheruka kugendera SOSUMO, ngo yaraneguye cane igikaju iryo shirahamwe rifise ngo kuko giteye isoni. Nayo ngo ivyo bikaba biva ku bintu nyamukuru 3, ivyo navyo ngo akaba ari ukutarima ngo kubera kubura i machines zirima, kubura ifumbire yo gutabiza hamwe no kwitaho cane indimo zabo barimira mu gikaju. Kubwiwe,
Ivyo bintu bitatu ngo ntanumwe atazi ko ariko biri muri SOSUMO. Ariko ngo ikibabaje ngo ni uko hari benshi bigira sindabibazwa ukamenga ntavyo babona. Yagiriyeko yibutsa umuyobozi mukuru wa SOSUMO ko mu nama yaheruka gukoresha kuri stade, ngo abajejwe indimo barivugiye ko muri campagne ya 2026 ko hokwitegwa umwimbu w'amatoni ibihumbi cenda (9 000tonnes). Akabona ko ivyo bintu ngo biteye isoni kandi ko biteye ubwoba cane ngo kuko kuzoba ari ugusubira inyuma mbere ko n’Ishirahamwe rishobora kwugara.
Ikintu cakabiri uwo mukozi atabariza SOSUMO avuga ko kibangamiye iryo shirahamwe, ngo ni ugufata ingingo zizingamika ibikorwa vyo gutegura campagne yuyu mwaka wa 2026. Akabwira umuyobozi mukuru, ngo ko hari ingingo zimwe zimwe yagiye arafata ariko ngo abakozi bobo bakaba babona ko zazingamitse ibikorwa vyo gutegura iyo campagne ya 2026, ngo kumbure ngirango kubera zafashwe ihutihuhuti ngo zikongera zikaja mu ngiro vuba.
Muri izo ngingo, imwe nyamukuru uyo mukozi avuga, ngo ni ugukora inventaire du patrimoine général de la SOSUMO mu misi 3, uyo mukozi ngo yarabikwirikiranye, ngo arongera arakora n’amatohoza ngo yarashoboye kumenya ko iyo inventaire hari ibikorwa yishe ngo kuko yateguwe nabi. Akaba yibukije kandi ko ama departements yose ngo adakora cokimwe kandi ngo mu nteguro ya campagne, ngo uburemere bw'ibikorwa ntibuba bumwe. Ngo kubona rero ubuyobozi bwihutiye gufata abakozi bamwebamwe bagata ibikorwa vyo gutegura campagne bakaja muri inventaire, ngo ningombwa ko bishobora kugira ingaruka mbi muri iyi nteguro ngo narirya hasigaye amezi ari musi y'abiri kugira campagne ibe.
Ikintu ca gatatu uwo mukozi wa SOSUMO yashize muri urwo rwandiko, ni ugusaba ku burizamwo iyugarwa ry'Ishirahamwe SOSUMO, ngaha akaba yagize ati ; Nyakwubahwa Muyobozi Mukuru, twebwe abakozi, turavye ibiriko biraba muma departements yose, tubona umenga Ishirahamwe SOSUMO rishobora kwugara. Kwugara ntibigoye kuko hamwe tudakoze campagne, canke igikaju kigahona Ishirahamwe ryoca ryugara.
Yabandanije agira ati ; nkuko rero igihugu cabizeye mu kuba Umuyobozi Mukuru w'iri Shirahamwe, ati turipfuza ko mwokoresha ubwo bubasha mugukemura ibibazo vyose bishobora gutuma iri Shirahamwe ryugara. Ivyo navyo ngo akaba ari ibi bikwirikira ;
Gusaba ko ingingo zimwezimwe mufata mwohora mubanza kuzigako neza mukanahanuza, muri urwo rwandiko rwanditswe n’umukozi w’ishirahamwe SOSUMO, uyo mukozi abwira umuyobozi ati ; Nyakwubahwa Muyobozi Mukuru, turipfuza ko ingingo zimwezimwe mufata mwobanza kuzigako neza kugira ntizigire ingaruka mbi kwi Shirahamwe. Hari ingingo zimwezimwe mwagiye murafata zigatuma ibikorwa vy'Ishirahamwe bigenda nabi.
Yabandanije amubwira kandi ati ; Mu ma nama mukoresha, maze kwitaba irya Assemblée Générale gusa kuko ariyo mba nfitiye uburenganzira bivanye na categorie ndimwo. Ariko ndakurikirana cane ubuzima bwiri Shirahamwe naho nitwa umukozi mutoyi, kumbure nuko Imana itampaye amahirwe yo kwiga amashure menshi. Iyo ndiko ndakurikirana ubuzima bwiri Shirahamwe, narumvise ko ingingo mufashe atanumwe abavuguruza canke ngo agire ico avuze, uwugize ico avuze ngo muca mu mukarira mu kamushwanira.
Ati ariko Nyakwubahwa Muyobozi Mukuru, Ishirahamwe nk'iri kuritwara wenyene biragoye, bisaba ko ugira abo wizeye kuko bose si babi. Murashobora kugenzura abo mutwara bose maze mukabonamwo imvugakuri hama mukabumviriza kuko barahari. Mu ngingo zimwezimwe mwafashe ngomba mvuge ingingo imwe yababaje abakozi na cane cane abakozi bakora ahantu hasaba inguvu canke ahantu hari imyuka mibi ku magara y'abantu. Iyo ngingo nayo ni iyi:
Guhagarika regime alimentaire ku bakozi: Nyakwubahwa Muyobozi Mukuru, birababaje kubona muhagarika regime alimentaire ku bakozi mu gihe muzi ko hariho abakozi bakorera ahantu hasaba inguvu nyinshi hamwe n'ahandi hari imyuka yonona amagara y'abantu. Kumbure hari insiguro mwahaye iri hagarikwa, ariko twebwe ico tuvuga nuko nimba hariho ababironderamwo inyungu, ntivyotuma haba abarwa mumporero. Mwebwe nk'Umuyobozi Mukuru, ahari ama chantiers hose murahazi mwari mukwiye gufata ingingo ibereye, abakwiye kuronka regime alimentaire bakayironka.
Uyo mukozi kandi abwira umuyobozi mukuru wa SOSUMO ati ; ikibabaje cane kurusha ibindi, abakozi mwarabimye regime alimentaire, kandi ifu y'ubuyi iri muri stock mbere hakaba hari n'abavuga ko yataye garantie mwayimye abakozi, muce muraba abakozi birirwa barakubita ivyuma abandi umwotsi n'imyuka y'ubutare bw'ivyuma bibokera ariko mukabima regime alimentaire kandi ihari.
Ikindi kintu novuga kibabaje cane, kubona mwanka gutanga igitoro ku modoka igihe guherekeza umukozi wa SOSUMO yapfuye amaze imyaka 20 akorera ishirahamwe, n'ukuri ntitukironka ayo ducira n'ayo tumira. Mbega Nyakwubahwa Muyobozi Mukuru, irya coaster ishobora kumara n'amezi 5 idakoze, ko ikora iyo habaye ama evenements akomakomeye ku bakozi, mubona ko ariyo ihombesheje SOSUMO ?
Mbega Nyakwubahwa Muyobozi Mukuru, mwebwe ko mugira mu modoka zibiri (2) icarimwe, aho mweho ntimubona ko muriko murahombesha SOSUMO? Ko uko indwi iheze abayobozi mwese uko muri ndwi mwuzuza imodoka zanyu igitoro mukamanuka i Bujumbura n'ahandi, aho ntimubona ko muriko muhombesha SOSUMO ? Ivyo mukora nivyo vyiza kurusha guherekeza umukozi wa SOSUMO apfuye akoreye ishirahamwe imyaka 20 irenga?
Mu kurangiza urwandiko rwiwe uyo mukozi w’ishirahamwe SOSUMO, arakengurukira Umuyobozi Mukuru, akagira ivyizigiro ko kumbure uwo muyobozi ngo yoba agiye gutera iteka Ishirahamwe SOSUMO, muri campagne iza ya 2026 ngo igaheza ikazogenda neza mbere ngo hakaboneka n’umwimbu ushimishije.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









