• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ndayishimiye yari azi ko uko yirirwa aratoba atobanga uburundi, ariko n’ishirahamwe rya Afirika azorijaganya ariko yaraye ateterewe

Ndayishimiye yari azi ko uko yirirwa aratoba atobanga uburundi, ariko n’ishirahamwe rya Afirika azorijaganya ariko yaraye ateterewe

Mu ntango z'uku kwezi kwa gatatu 2026, Reta y'uburundi itabanje gushishoza no kuganira n'ibindi bihugu bihurikiye mu muryango w'ubumwe bwa Afirika, ibicishije kuwuserukira uburundi mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yararungikiye iryo shirahamwe idosiye yo kwitoza kwa Macky Sall umunya Sénégal mu mabanga yo kurongora ishirahamwe ONU nk'umunyamabanga mukuru mushasha w'uwo muryango.

Nahoa ri inkuru bamwe n'abandi batatevyeko canke ngo bayihe agaciro, bivurwa ko umuntu ashobora guhabwa amahirwe yo kwemererwa kwitoza muri ico kibanza, ko aba ari umuntu yarungitswe n'igihugu ciwe. Vyumvikana ko Reta ya Sénégal ibicishije kumukuru w'igihugu, niyo yonyene yari gutangura kwemeza candidat ya Macky Sall nawenyene akabanza kugendera abandi bakuru bibihugu vyo mu mu ryango wa Afrika abasaba kuzoshigikira igihugu ciwe bagatora Macky Sall.

Ngaha ico abantu bomenya, ni uko uwo munya Sénégal yari kubanza kuvugana n'igihugu ciwe kigaheza kikamwemerera kwitoreza ayo mabanga. Ariko Kubera amabi n'amahano yakoreye abatavugarumwe bo muri Sénégal ari nabo bafise ubutegetsi uyu musi mu gihugu ca Sénégal, ntahantu yari kubihera. Niho haho Macky Sall Kubera yarazi ko igihugu cciwe kidashobora ku mushigikira, yaciye yirukanga guhendahenda Perezida Ndayishimiye w'uburundi kugirango abimukorere.

Naho atawuzi ko hoba hari agafanta yamuhaye canke akayeri kugira ngo amwumvishe ko yomutangira dosiye yiwe, ariko utuganuke yamuhaye twaraye tubaye impagusa, ishirahamwe ryubumwe bwa Afirika ryaraye ricishijemwo umurongo utukura ico cipfuzo ca Macky Sall na Evariste Ndayishimiye co kwitoza kwa Macky Sall mu mabanga yo kurongora ishirahamwe ONU nk'umunyamabanga mukuru.

Igihe Macky Sall na Evariste Ndayishimiye bafuruguta ayo manyanga yarimwo igipfungu, Abakuru b'ibihugu vyo muri Afurika baramwihweje baraheza bamurwiza n'ubusa ariko barinumira. Ntanuwamuhanuye ngo amubwire ko ariko arakora amahano. Mbere n'igihugu ca Sénégal naho cari cihoreye ntikigire ico gishikiriza kuri Kandidatire ya Macky Sall kuri uyu wa gatanu, leta ya Sénégal yaravuye mu gacerere imenyesha umuryango wa Afirikia ko itigeze na rimwe ishigikira iyo candidat kandi ko ataho ihuriye n'amanyanga ashigikiwe na leta y'u Burundi ajanye n'iyo Kandidatire.

Bamwe n'abandi bakaba bavuga ko iyaba Perezida Ndayishimiye yarashoboye kuyobora canke yatahura ico yarakwiriye gukora, ongo yategerezwa guca atumako inama yihutirwa y'umuryango w'ibihugu bihurikiye mu muryango w'ibihugu vya Afirika, ongo bagaheza bakamuhanura uko yokemura et kibazo. Yamara nkuko amenyereye gukoresha igikenye n'agahotoro muri CNDD-FDD yafashe ingingo yo gutegeka abandi bakuru b'Ibihugu na ma Reta ko mu masaha 24 gusa boba bemeje icipfuzo ciwe co gutanga Kandidatire ya Macky Sall yo kwitoza mu mabanga yo kurongora ishirahamwe ONU nk'umunyamabanga mukuru.

Ivyo mbere bikaba vyaciye bifatwa nk'agasuzuguro kuri benshi mu bagize umuryango w'ubumwe bwa Afrika binashoboka ko batazobandanya bihanganira. Niko guca bahitamwo kumukubita urushi rwo kumuhakanira no kumubuza ko iyo nkinamico yiwe n'umunya Sénégal Macky Sall yobandanya. Muvyo abakuru bibihugu nama Reta bamusiguriye akaba ari ukumwibutsa ko Umuryango w'ubumwe bwa Afrika ubwirizwa kurongorwa hakwirikijwe Amategeko.

Ibihugu 20 harimwo n'igihugu ca Sénégal vyaciye bitora Oya kuriyo ngingo Peresida Ndayishimiye yari yasavye ko vyemeza mu masaha 24 iyo Kandidatire, Macky Sall aba arabujijwe kubandanya umugambi n'indoto vyiwe nayo Ndayishimiye aba arandikishije amateka ko adashoboye Kurongora umuryango w'ubumwe bwa Afrika. naho akenshi bidakurikizwa ariko kurongora ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bica mu guhererekanya kubice vy'imigabane igize Isi.

Muri kino gihe hirya no hino kw'Isi no hagati mu gihugu c'uburundi, abarundi bakaba bariko baridoga kuburundi bwaraye bwambaye imbara mu makungu kubona umukuru w'igihugu Ndayishimiye akora amanyanga benayo nkayo ​​yirirwa arakora mu Burundi adakwirikije amategeko mu Makungu. Abandi bobo babona ko atagishasha, ngo ahubwo n'akataraza kari mu nyuma ngo basanzwe bazi ko atabushobozi afise bwo kurangura amabanga benayo.

Tubibutse ko uwo munya Sénégal Macky Sall, w'imyaka 64 ans, yabaye umukuru w'igihugu ca Sénégal kuva mu 2012 kugeza mu 2024, akaba yavuye ku butegetsi habanje kuba imyiyerekano idasanzwe yo kumwiyamiriza ashaka kwiyamamariza manda ya gatatu nkuko vyabaye kuri Petero Nkurunziza en 2015 au Burundi.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !