Isekeza rijanye no guhiga abagirizwa uburozi mu gice cahoze ari intara ya Cibitoke rirahagaritse imitima y'abatari bake, ngo kuko rigiye gutuma umubano w'abanyagihugu umera nabi ibishobora no kuzotera intambara mu banyagihugu. Abatari bake bagira bati nta

Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, aragirizwa kuba ariwe yatanguje isekeza rijanye no guhiga abagirizwa uburozi mu gice cahoze ari intara ya Cibitoke rirahagaritse imitima y'abatari bake muri iyo ntara. Umupfumu aturuka mu gihugu ca Tanzaniya akaba ariwr ariko akora igikorwa mu mvugo ya bamwe bita gututumura uburozi. Uruhusha bikavugwa ko yaruhawe n'umukuru w'igihugu.
Iryo sekeza rigiye gukwiza ukwezi ritanguye. Rimaze gukorwa ku mitumba itandukanye yo mu makomine ya Bukinanyana, Mabayi na Mugina y'intara yahahora ya Cibitoke. Imitumba ivugwa cane muri Mabayi, ni Muhungu, Nyabungeri, Gasarabuye na Gahoma. Amafranga ibihumbi 20 niyo ahabwa umupfumu aturuka mu gihugu ca Tanzaniya kugira asuzume ko umuntu yabwiwe afise uburozi canke atabufise. Uwo asanze abufise, abanyagihugu bipfuza ko akura ubwo burozi baca bamuha amafranga ibihumbi 400. Uwubwatswe asubiriye kurondera ubundi burozi ngo aca apfa. Abatari bake bakaba bamaze kwagirizwa n'uwo mupfumu aturuka muri Tanzaniya ko ari abarozi.
Bamwe mu banyagihugu mu Cibitoke bemeza ko uwo mupfumu atawe abeshera. Uwo avuze ngo aba abufise, niyo yinjiye mu nzu kubukurayo ntiyinjira we nyene aba ari kumwe n'abapolisi n'abandi bantu, ahaturutse ubwo burozi akahavuga. Amakuru ava mu ntara yahahora ya Cibitoke amenyesha ko iryo sekeza ryatanguye inyuma yaho abatanzaniya bahawe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye kwimba inzahabu mu Cibitoke, bagitangura ngo ntivyabakundiye. Amadayimoni ngo yaza arabatera amabuye ababuza amahemo barata bariruka. Niko guca ngo basubira iw'umukuru w'igihugu Ndayishimiye kumumenyesha ivyabashikiye, bagirwako bamusaba kubaha uruhusha rwo kurondera abantu batunze ayo madayimoni yabatera aho bariko bimba inzahabu. Batumyeko umupfumu karuhariwe i Tanzaniya, atangura igikorwa co gututumura uburozi.
Abanyagihugu bamaze kubona ibiriko biba, nabo batangura kubona ko vyoba vyiza babwiye uwo mupfumu agatutumura uburozi buvugwa mu kibano iwabo. Nuko vyahavuye bitandukira Bukinanyana, Mabayi na Mugina. Abanyagihugu bamwe bakabona ko bizotandukira n'ahandi. Saïdi Anicet, Musitanteri wa komine Mugina mu ndinganizo nshasha y'amakomine yashatse kurwanya uwo mugambi wo gututumura uburozi muri komine arongoye, abanyagihugu i Mugina bavuga ko yaciye atumwako ubutarariye n'umukuru w'igihugu aca aramupfunga.
Mu gihe bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya kera ya Cibitoke bishimiye ico gikorwa, abandi bagitera ivyatsi. Bavuga ko ico gikorwa kigiye gutuma umubano w'abanyagihugu umera nabi kurusha uko wahora, bigashobora no kuzotera intambara mu banyagihugu. Ngo kuva bakabaho ngo niho bacumva umukuru w'igihugu akwegera mu gihugu abapfumu bateza uruhagarara mu banyagihugu.
Mu gihe bizwi ko abategetsi bakomoka muri CNDD-FDD aribo bambere bafise uburozi bagiye baracisha ahatandukanye, umukuru w'igihugu ngo niyaba ashaka gutuza amadayimoni mu gihugu ngo yohera kuri bo ngo kandi idayimoni ntiyirukana iyindi. Ivyo ariko akora ngo n'ukugwiza ahubwo amadayimoni mu gihugu ku mugaragaro. Ngo ntaco abarundi batazobona ku ntwaro ya cndd-fdd. Basaba abarundi gusenga cane intwaro ya CNDD-FDD ibave ku gakanu kuko ivyo ikora ngo biteye isoni, ikabesha ko yashize Imana imbere.
Vyanditswe na Ninette Nancy Mutoni.









