• Home
  • ACTUALITÉS
  • Bafatiye ku biriko birakorwa n'umugwi CVR, bamwe n’abandi bavuga umugwi CVR utariko unywanisha abarundi nkuko arico wari washiriweho ahubwo uriko utegura intambara hagati y’imiryango y’abarundi muri kazoza

Bafatiye ku biriko birakorwa n'umugwi CVR, bamwe n’abandi bavuga umugwi CVR utariko unywanisha abarundi nkuko arico wari washiriweho ahubwo uriko utegura intambara hagati y’imiryango y’abarundi muri kazoza

 

Mu ndwi iheze ku musi wa mbere igenekerezo rya 4 Rusama 2026, niho amazu 3 bivugwa ko yanyazwe, n'itongo vyasubijwe abasirwa bitwa ko ari ba bene ayo matunga. Ayo matungo akaba ari muri Rohero, Bwiza, Gihosha na Ngagara mu gisagara ca Bujumbura. Umugwi CVR ukaba wari utanguye gusubiza amazu yanyazwe mu ndyane zabaye hagati y'imyaka y' 1885 n' 2008.

Pierre Claver Ndayicariye arongoye CVR  akaba yamenyesheje ko igikorwa nk'ico kigiye kubandanya i Ngozi, i Gitega  no mu Cankuzo kandi carabandanije aho amenyesha ko ingingo zafashwe ku bituye CVR ari ntabanduka kandi ata yungururizo rindi zifise.

Ariko rero, amatohoza Radio Haguruka yakoze arerekana ko ingingo z'umugwi CVR zihengamye. Akarorero, umugwi CVR uradondagura uko inzu iri muri Rohero ya mbere mu gisagara ca Bujumbura yarondewe na Ndayizeye  Leatitia kuko yari yahawe umuvyeyi wiwe Ncahoruri Léonardo yigize kuba umushikiranganji w'indero, akaba yagandaguwe mu 1972 ari mu bayobozi bakuru bo muri ubwo bushikiranganji nyene yagiye irahererekanwa. Umugwi CVR ukaba wemeza ko reta yagurishije  iyo nzu na Shiramanga Dominiko yari umwishikira muri reta ya Micombero Michel, abasigwa ba Shiramanga nabo bayigurisha kuri Evelyne Tawards Victory.

Inyuma y'igandagurwa rya Ncahoruri Léonardo, umukenyezi wiwe nawe yahavuye yitaba Imana, umuryango usigaramwo abana babiri Ndayizeye Leatitia na musazawe Nshimirimana Alberto aho baciye baja kurererwa kwa Sekuru i Gitega. Ndayizeye Leatitia yerekanye ikete muri CVR  ko Se wiwe Ncahoruri yari yaronse iyo nzu babamwo mw'i Rohero ya mbere mu mwaka w'1964, ryatanzwe n'ubuyobozi bujejwe inyubako z'abasivire.

Hari n'izindi nsiguro zatanzwe n'umukuru w'umugwi CVR zatumye uwo mugwi ufata ingingo yo gukomorera iyo nzu abasigwa ba Ncahoruri Léonardo.

Ibihushane biri mu vyashikirijwe na Ndayicariye nuko yemeza ko iyo nzu yo muri Rohero ya mbere , avenue Muramvya inomero 20 yari iya reta ariko akagaruka akavuga ko hariho mweneyo yayihawe mu 1964. Ndayicariye aremanga ko iyo nzu yahawe Ncahoruri Léonardo mu 1964.

Ico gihe, mu matohoza ya Radio Haguruka, amazu ya reta yahabwa abakozi ba reta bakuru bakuru kuva ku cegera c'umuyobozi mu bushikiranganji kanaka kuduga, na Ncahoruri yari abifitiye uburenganzira kubera amabanga yari ajejwe mu gihugu ariko ntizaba rwabo, reta yaba izibahaye ngo babe barazibamwo ku bw'amabanga y'akazi k'igihugu barimwo ari co gituma bahabwa n'ubuyobozi bujejwe izo nyubako ikete ryanditseko  Attribution de la maison.

Inzu yaguma ari iya reta. Uwuvuye mu mabanga makuru makuru n'inzu reta yaba yaramuhaye yaca iyimwaka ikayiha uwundi.  Umuryango uyatswe waca urondera aho uza kuba. Umuryango washobora kuguma muri iyo nzu mu gihe wayihawe kubera amabanga y'igihugu serugo yaba yahawe, nuko inarugo nawe yaba afise amabanga ahambaye mu gihugu kuva kuri grade twamaze kubamenyesha kuduga ariko naho nyene inzu ntiyaba ari iy'uwo muryango, yaguma ari iya reta. Aha, Ndayicariye akaba atashatse gusoma ibiri mw'ikete avuga ko yaronse nk'icemezo giha iyo nzu  Ncahoruri. 

Uko biri kwose ni Attribution de la Maison, urwandiko rudasubirira titre de propiété. Imbere yo mu 1972, atari uwiyubakiye inzu, nta mukozi wa reta yari afise inzu yitwa rwiwe. Ncahoruri akaba yapfuye mu gihe inzu yari yarahawe yari ikiri mu minwe ya Reta, ntiyari rwiwe, yayibamwo nk'intizo. Mu 1973, niho reta yatanguye kugurisha amazu yayo ku bakozi ba reta, Yaba amazu y'abakozi ba reta bakiri mu mirimo, abavuye mu mabanga canke abahitanywe n'urwimo rwo mu 72. Ico kigaragaza ko Abasigwa ba Shiramanga Dominiko kuri iyo nzu yo mw'i Rohero aribo bene inzu bwite kuko se yapfuye ayiguze na Reta mu 1973 igihe reta itangura kugurisha amazu yayo nkuko n'umugwi CVR wemeza ko Shiramanga yaguze iyo nzu na reta.

Mu makuru yacu y'ejo tukazobandanya ino nkuru aho tuzobabwira ahavuye iciyumviro co kugurisha ayo mazu ya reta n'agaciro k'amazu reta yari ifise ico gihe.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !