• Home
  • ACTUALITÉS
  • Mugihe Reveriyano Ndikuriyo, arongoye umugambwe CNDD-FDD ariko aritemberera mu bihugu vya Bulaya ataco yinona, Abatari bake baribaza impamvu, ibihugu vyitwa ko vyubahiriza agateka ka kiremwa muntu bireka umuntu y’irirwa aragandagura abanyagihugu bikabasig

Mugihe Reveriyano Ndikuriyo, arongoye umugambwe CNDD-FDD ariko aritemberera mu bihugu vya Bulaya ataco yinona, Abatari bake baribaza impamvu, ibihugu vyitwa ko vyubahiriza agateka ka kiremwa muntu bireka umuntu y’irirwa aragandagura abanyagihugu bikabasig

Ari mu rugendo rwo mw’ibanga mu bihugu vyo ku mugabane wa Bulaya. Ni Reveriyano Ndikuriyo arongoye umugambwe CNDD-FDD aho yazindukiye n’abandi bari kumwe muri urwo rugendo nk’uwahoze ari umukuru w’igihugu Sylvestre NTIBANTUNGANYA i Genève mu Busuwisi, mu nyuma baja mu gihugu c’ubufaransa, bikaba bitegekanijwe ko urwo rugendo rwabo ruzoca rubandaniriza mu gihugu c’ububiligi n’ahandi.

 Abatari bake bakaba bibaza impamvu, ibihugu vyitwa ko vyubahiriza agateka ka kiremwa muntu bireka umuntu nka Reveriyano Ndikuriyo agatembera uko ashatse mu bihugu vyabo kandi bishika akihaya abwira abarundi ahaciye ko kwica umuntu abangamiye umutekano ata kibazo mbere akaba yaratumye abarundi guhiganirwa amafranga imiliyoni zitanu ngo bice Pascal Ninganza batazira Kaburimbo wo mu Mugamba mu ntara ya Bururi ya Kera, uwuzomwereka ikiziga ciwe yamwishe canke yamuciye umutwe agaca agenda gutora ayo mafranga kandi yarabikoze, bikabasiga.

 Aho ni mu gihe abo nyene ngo boba bari mubaguma bumvisha amakungu ko adakwiye guha ubuhungiro abarundi babusaba, bataye bakomoka kubera agatotezo bakorerwa n’ubutegetsi bukomoka ku mugambwe CNDD-FDD. Bagasaba abarundi n’amakungu kuja hamwe kugira bashikirize ubutungane abantu bose bahonyanga agateka ka kina muntu barimwo Reveriyano Ndikuriyo abikora yitwaje igihagararo ciwe mu Butegetsi bw’uburundi.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !