• Home
  • ACTUALITÉS
  • Uburundi gisigaye ari igihugu c'ama Chantier y'inyubako zitangura ngo ariko ntizigere zirangira. Niko abanya Kirundo babibona

Uburundi gisigaye ari igihugu c'ama Chantier y'inyubako zitangura ngo ariko ntizigere zirangira. Niko abanya Kirundo babibona

Ari mu nama kuri uyu wa 5 Mukakaro 2026, yagiraniye n'abajejwe intwaro hamwe n'umugambwe uri ku butegetsi ku mitumba no mu mazone, Musitanteri wa komine Kirundo, NDIKURIYO Jean Berchimans, yamenyesheje ko hagiye kubakwa Ikibuga c'umupira w'amaguru ca Kijambere citwa STADE BUSHAZA, akaba yagiriyeko atangaza ko igikorwa co kwubaka ico kibuga ngo buca gitangura, mbere ko n'igicapo caco ngo kikaba carashizwe ahabona. Yaciye amenyesha abari bitavye iyo nama ko umurwi ujejwe gukurikirana ibikorwa ngo wamaze gushirwaho kandi ko intererano zizotangwa ngo bivanye  n'akazi umw'umwe akora.

Uwo arongoye Komine Kirundo yasavye abajejwe intwaro  ko bonyarutsa gutanga ayo basabwe, ngo kugira babere akarorero keza abo barongoye. Akaba yahamagariye abajejwe intwaro guhimiriza abo barongoye kugira bitegurire kuzosidukana n'iyonka muguterera mu bikorwa bisaba inguvu canke ibisaba uburyo kugira ico gikorwa c'iteka kize kiranguke mu mwanya muto. Ariko naho abahamagarira kwirukanga gukora ibikorwa vyamaboko n’inguvu, buri mu nyakirundi kuva kuri nyarucari n’ukuvuga umukene wanyuma, abakora imyiga mitomito, abakozi ba leta n’amashirahamwe ntamunyagihugu n’umwe atashiriweho igitigiri camafranga azotegerezwa guterera kandi kunguvu. Kurivyo abanyagihugu bo mu Kirundo, bakaba basaba kubanza kubisigurirwa neza ngo kuko bafise amakenga y'ubusuma butari buke bumaze gukorwa n'abatware bo ngaho mukirundo.

Abo banyakirundo, bafatiye ku ntererano bariko barasabwa gutanga, baratabaza cane ko  Izo ntererano zije kubaremera kandi basanzwe b'igorewe n'ubukene burenze burangwa mu miryango. Kubwabo ico kibuga ntikizopfa cubatswe bivuye mu ntererano z’abanyagihugu. Bakaba bibutsa ko abo banyagihugu ngo bamaze gutozwa kenshi amafaranga ngo nayo kubaka ibi na biriya, yamara ngo bigaherera mu majambo, aha bakavuga salle ya Lycée Kirundo ngo gushika nuyu munsi itarahera kubaka, bakavuga kandi ikibuga ca Nyarunazi aho n’umunyabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Reverien Ndikuriyo, ngo yaje avuga ko agira atanguze ibikorwa, yamara ngo hakaba haheze imyaka 7 nubu kitarubakwa. Sivyo gusa ngo ntibaribagira inyubakwa y'ingoro y'umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD iri iruhande ya Lycée Kirundo, iyo ngo nayonyene abanyagihugu bategetswe guterera n'abatari mu mugambwe ngo harimwo n’ibikorwa rusangi ngo ariko nubu ntakiravamwo, bati nivyo rero ntagukeka ko abanyagihugu bagira banyarwe urukombamazi ngo kandi uwuzoramba azoba abona ko ataterambere rya CNDD-FDD.

Kubera ivyo vyose rero,  ngo uretseko iyo migambi yiyo stade ngo ari uburyo umugambwe CNDD-FDD watoye bwo guha uburenganzira abategetsi kwiba abanyagihugu amafranga ngo bagaheza bakikubitira kuwinyuma, babona ko uburundi gisigaye ari igihugu c'ama Chantier y'inyubako zitangura ngo ariko ntizigere zirangira. Abanyagihugu rero ngo bakwiye guhagurukira rimwe bakiyamiriza intwaro ya CNDD-FDD, hakaza iyindi yoshobora guhindura ibintu mu burundi.

 

Vyanditswe na Jeannette KAMIKAZI.

Partager cet article !