Aha ni he ?

Aha ni mu Burundi. Igihugu twakuze batubwira ko ari ica amata n'ubuki. Ubu cabaye ica agahinda, amarira n' umwiheburo. Igihugu aho abakiramutswa aribo bagipfukamye mu nda, mu kunyuruza ubutunzi, bakenesha abo bogaburiye, bahohotera abo bokingiye, bica abo bokijije.
Aha ni mu gihugu kiri ku manga, aho abakijejwe bakinda ngo barasenga, bakindaga abashonje ngo barahaze. Igitoro kibuze, ngo nibanezerwe imiduga yabaye myinshi. Ngo abagwaye kwashi biyondore, abatayigwaye, bayimenye.
Naho turi. Turi mu gaheza, k'amacakubiri y'ubwoko bwose. Turi mu gihugu atawuga, uwuhirahiriye yicwa. Turi mu gihugu benshi batekewe n' ubwoba. Turi mu gihugu benshi babaye ntirumveko. Turi mu gihugu ibisuma na bansumire inda bahawe ijambo.
Twahageze gute ?
Aha twahageze, turaba, tuvyita imikino, twahageze mu kutiyumvira kazoza k' igihugu na beneco, twahageze mu kuba nyamwigendako, aho ineza ya bose isubirigwa n'ineza yumwe.
Aha twahageze kubera bimwe bavuga ngo ibihe bigoye bivyara abagabo b' ijunja n'ijambo, ibihe vyiza bikavyara ibireko. Aha twahageze kubera ibikomere twatewe n'akahise k'uburundi maze tubika inzigo n'urwanko, vyanka ko turekurira abatugiriye nabi nkuko benshi tubivuga mu gisabisho. Ndetse, hako gushira imbere ubutungane tugashaka no kwihorera kubo ataco batugize.
Aha twahashitse kubera umutima nama wacuramye, umutima w' Ubuntu watitutse, ata numwe agishaka kwishira mu kibanza c'uyundi. N' ibindi, n' ibindi vyica umuntu tutabonesha amaso. Ako ni akaga gakomeye !
Twohava gute ?
Kuhava bizosaba ko higishwa Ubuntu, higishwa kuvuga Ukuri. Bizosaba ko inzigo n'inzikira biranduranwa n' imizi, tukiga kumenya kumviriza amakenga y'uwariwe wese. Umurundi agahabwa ijambo. Ubutungane bugahabwa intahe. Ntihabe nyagupfa na nyagukira. Bizohava, uruyeri n' ubwiyorobetsi buciwe mu gihugu. Umwe wese akumva ataco amaze wenyene. Igihugu cubakwa n' umwe wese mu bana baco, atawusigaye inyuma.
Bisaba iki ?
Birasaba ko umurundi wese yumva ko afise umuhamagaro wo gushayura uburundi yobanza akicisha bugufi, akamenya aha turi hari abandi, kandi n'ejo hazoba abandi. Akamenya ko ubu turiko turandika akahise abana b' uburundi bazokwiga. Aho ace yibaza: Mbe ivyo nkora, ibiboneka n' ibitaboneka...abazukuru n'abazukuruza nibabimenya, boba bazoshima ko bakomoka ku Mugabo? Inyishu niyaba: ego, sha azoce abandanya, agasanga inyishu ari: oya, aho azoce ahagarara, yisuzume akoreshe Ukuri n'Ubuntu, ace bugufi abaze umutima nama maze amenye ico akora.
Hamwe abantu bose bumva ko bafise umuhamagaro wo gushayura uburundi bokwiyumvira uko, bagakora ikibereye, Uburundi mu mwaka umwe, bwosubizwa ijambo mu makungu, bwosubira kuba ubw'amata n' ubuki.
Bitebe bitebuke, uburundi buzokira, ikibazo nico wewe uriko urasoma iyi nkuru uriko urakora canke utegura kuzokora !
Tugire Uburundi
Tugire Igihugu
Tudetere iteka Uburundi
Tubuharanire !
Yanditswe na Nick.









