Ni muzima kandi ari ku kazi ko gutabara Abarundi

Niko amakuru ava muhari Red-Tabara avuga, inyuma yaho hakwirakwijwe ku mbugahwaniro amakuru avuga ko Colonel Jean Claude Mazimpaka, yahoze arwana muri CNDD-FDD ubu akaba ari umusirikare wa Red-Tabara, yagandaguwe bunyamaswa na Red-Tabara. Abegereye indongozi z'umuhari Red-Tabara twashoboye kuvugana, bamenyesha ko muri Red-Tabara bakimara kubona ayo makuru acanacanako ku mbugahwaniro, bihutiye kurondera aho yaturutse. Ngo basanze yanditswe n'akagwi k'abantu babiri Hamissi na Eric Niyonzima akorera kuri RPA, bari mu gihugu ca Kenya barongowe na Bob RUGURIKA asanzwe aba ku mugabane wa Bulaya ariko muri ino minsi ngo akaba ari muri kimwe mu bihugu vyo mu karere, babicisha ku rubuga rwabo rwitwa Africa Yetu imbere yo kubitanga no mu migwi ya WhatsApp itari mike.
Nkuko abo begereye umuhari Red-Tabara babandanya babisikiriza, ako kagwi ngo karafise n'izindi mbuga gakoresha. Bakavuga nk'urubuga Ukuri kunwanisha hamwe sur Vision TV. Izo mbuga zose ngo zikaba zashizweho kugira zirwanye ibikorwa vy'umuhari Red-Tabara.
Amakuru rero yaraye akwiragijwe nkuko amasoko yacu yegereye umuhari Red-Tabara abandanya abivuga, ngo n'ibihuha. Abo bayanditse ngo nta makuru yizewe baronka avuye mu muhari Red-Tabara, ivyo bandika ngo biri mu ntumbero bihaye yo gucafuza no kuvuga nabi umuhari Red-Tabara hamwe n'ibikorwa vyawo. Muri Red-Tabara bakaremesha abarundi n'abanywanyi ko intumbero abo bantu batatu bihaye yo gukwiragiza ibihuha ku mbugahwaniro bicafuza Red-Tabara ataho izobashikana, ndetse itazobuza urugamba uwo muhari uriko kubandanya.
Amakuru twaronse avuye ku begereye Red-Tabara yemeza ko Bob Rugurika yigeze kwegera Colonel Jean Claude Mazimpaka, amusaba ko bokorana ngo kugira amufashe gushira mu ngiro indoto ziwe zo gutanguza ibikorwa vy'urugamba, yamara Colonel Mazimpaka ngo yasanze ivyiyumviro vyiwe atahantu vyoshika ahitamwo kumuhakanira. Ivyo Colonel Mazimpaka yaraye avuzweko rero ngo birashoboka cane ko vyatewe n'agashavu Bob Rugurika yamugiriye inyuma yuko ivyiyumviro vyiwe bitakiriwe.
Ayo masoko yegereye umuhari Red-Tabara, yaboneyeho n'akaryo ko kuvunira akagohe abarundi babasaba kurikanura bareke kubandanya babeshwa canke basamazwa n'abantu ngo ataco bamaze kiretse gukwiragiza amajambo apfuye adashobora gukiza na gato uburundi n'abarundi kugira baronke gusa abantu benshi bakurikirana imbuga zabo ngo biyorere ifaranga. Abo bantu ngo n'ukubaca kure bareke kubasamaza.
Abarundi ngo ni babandanye nyabuna ibikorwa vyo guhimiriza bagenzi babo, umwe wese aho aherereye akore ibishoboka vyose, abitabira n'abashigikira ibikorwa vy'umuhari Red-Tabara babandanye kwiyongera ngo kugira bikureko intwaro y'amaraso ya CNDD-FDD iriko irasya itambaye mugukorera amabi abarundi atawugishobora kubona uko ayavuga.
Uruganda rwa Radio Haguruka rwagerageje kurondera Bob Rugurika, kugira agire ico ashikirije kuri aya makuru, ubutumwa yandikiwe yabwishuye agira ati: Nduguruye twamugina « Ibi ni ibibazo ubajije jewe canke?, None vyukuri nkivyo urabona ari ibibazo canke ni provocation ? Murakwiye guhinduka izina ryanje mukaryiyumvira ukundi. Si izina ryo kuguma mwitiranya nibintazi vyose canke ibibaciye mu mutwe, Je abantu dukorana nabo muri RPA. Uzombaze ivyaciye muri RPA. Ngira urazi ko jewe ntatinya kuvuga ico nshaka kuvuga. Ivyo si ibibazo vy'umumenyeshamakuru. Jewe ndazi ivyo muba mushaka gushikako. Murabikora uko muba mwabiteguye apana kurinda kuzunguruka. Hama umwe wese azobazwa ivyo yakoze.... Naha nakwubashe kukwishura »
Vyanditswe na Mbazumutima Don de Dieu.









