Bujumbura: Ama galerie abiri le parisien na galerie Ndayizamba, yo mu gisagara hagati, yafashwe n’Umuriro arasha aratokombera

Amaduka manimani Le Parisien na », riri iruhande rwa « Ndayizamba », hagati mu gisagara ca Bujumbura, na galerie Ndayizamba, yo mu gisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru w’ubutunzi, kuri uyu munsi yafashwe n’umuriro arasha aratokombera n’ibintu vyose vyadandarizwamwo. Guhera igihe c’isaha 12 n’igice z’ijoro (6h30) kugeza isaha 3 z’igitondo n’iminota 45 (9h45), uwo muriro ntiwari bwashobore kuzima.
Uwo muriro watanguye gufata iduka ryitwa galerie « Ndayizamba » isaha 12 n’igice z’ijoro (6h35), hanyuma utandukira irindi duka ryitwa Le Parisien hafi isaha 2 z’igitondo (8h00). Ico gihe imodoka zizimya umuriro, harimwo n’imwe yari yavuye mw’ishirahamwe UNICEF, zagerageje kwihuta zongera ziragerageza kuzimya uwo muriro, ariko biranka zirananirwa, kuko umuriro warushaho kuba mwinshi.
Nkuko bimenyeshwa n’abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, igisagara c’itirirwa umurwa mukuru w’ubutunzi, bavuga ko aya ma galerie uko ari abiri ngo yari amaze gukomera kuburyo abadandaza n’abaguzi benshi bahahurira, ivyo ngo bikaba vyabaye cane cane kuva aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye mu mwaka wa 2013. Ngo guhera ico gihe, abadandaza benshi n’abaguzi bari basigaye bikora kuri ayo ma galerie bamwe bakemeza ko yari atunze abantu benshi cane.
Nkuko bibandanya bivurwa n’abanyagihugu bari murivyo bibanza, bamenyesha ko ivyabaye ngo vyari biteye ubwoba cane, ngo kuko abantu wabona ko bagerageza uko bashoboye kugira ngo barabe ko borokora ibintu vyabo vyari muri ayo maduka yabo. Hirya no hino hakaba hariko harumvikana amarira n’induru z’abantu bari bihebuye. Mbere hakaba hari n’abarwanye n’abapolisi barimwo n’abadandaza, kubera ko bariko baragerageza kwinjira muri ayo ma galerie kugira ngo bakureyo ibidandazwa vyabo. Abapolisi kandi bakaba batwaye abantu bari bashinzwe gucungera umutekano w’ayo ma galerie, kugira ngo babakoreko amatohoza yicoba cateye uwo muriro.
Abategetsi batandukanye bari bahari kugira ngo bafashe mu gucungera igikorwa co kuzimya umuriro no kuraba ingene ibintu vyononekaye. Muri bo harimwo umukuru w’igisagara ca Bujumbura, musitanteri wa komine Mukaza, hamwe n’uwaserukiye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Iterambere n’Umutekano. Hadasigaye inyuma n’Abapolisi benshi n’abasirikare, kugira ngo bafashe mu gucungera umutekano no mu bikorwa vyo kuzimya uwo muriro.
Abo banyagihugu twashoboye kuganira, mu marira, agahinda n’umwiheburo, batubwiyeko kuva intwaro ya CNDD-FDD ishika kubutegetsi, ngo kiretse ayo marira, intuntu n’umubabaro, ngo ntaciza nakimwe barabona bazokwigera bayibukirako. Hari n’uwatubwiyeko yibaza ko atamurundi n’umwe azoyikumbura niyaramuka itembagaye ikabava ku gakanu. Abandi bakibaza ikintu coba gituma abashingantahe n’abapfasoni bijunja n’ijambo bari mu burundi bareka igihugu kigacika umuyonga ntibikureko iyo ntwaro itakigira izina yo kwitwa.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









